IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Amatora ategekanywa kuba mu mpera za 2018

RDC : Amatora ategekanywa kuba mu mpera za 2018

lundi 6 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abatavuga rumwe na Reta ya Joseph Kabila inyuma yo kwumva ivyo vyashikirijwe n’uwo mugwi utegura amatora bashikirije ko badashobora kuvyemera, aho bavuze ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila ategerezwa kuva ku butegetsi vyanka bikunda imbere y’uko uwu mwaka uhera.

Bavuze bati : "Turanse ikirangaminsi c’amatora ico twipfuza muri kino gihe n’uko Kabila ava ku butegetsi hageze igenekerezo rya 31 Kigarama 2017".

Tubibutse ko amatora yari yategekanijwe kuba uno mwaka wa 2018 inyuma y’umwumvikano wahagarikiwe n’abungere ba Ekleziya Katorika yo muri ico gihugu mu mwaka uheze hagati ya Reta hamwe n’abatavuga rumwe nayo, ariko umugwi w’igihugu utegura amatora ntiwashoboye kuyategura ku gihe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.