IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: ONU isaba reta kugiranira ibiganiro n’abatavugarumwe nayo

RDC: ONU isaba reta kugiranira ibiganiro n’abatavugarumwe nayo

Monday 8 October 2018, by vianney

Abagize uyo murwi uko ari 15 bamenyesheje ko binejereje kubona igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kiriko gitegekanya kubisikanya k’ ubutegetsi mu mahoro biciye mu matora ategekanywa muri Kigarama 2018.

Uko ari 15 basavye ko ibiganiro vyotuma humvikanwa ubuhinga n’uburyo bwokoreshwa mu ntumbero yo gutegura amatora aciye mu muco.

Uyo murwi wa ONU wavuze ko utagamije kwivanga mu bibazo biri murico gihugu kuko bubahiriza ubwigenge bw’igihugu.

Umurwi w’igihugu utegura amatora aho muri Kongo wategekanije uburyo bwo k’urubuga ngurukanabumenyi buzokoreshwa hifashishijwe imashine nyabwonko izoza yerekana amafoto n’amazina y’abitoza ,uwutoye agakora kuwo ahisemwo kuriyo mashine nayo igica isohora urupapuro rwekana amajwi.

Umukuru w’igihugu Joseph KABILA yatanguye gutwara ico gihugu kuva mu mwaka wa 2001 asubiriye se wiwe Laurent Kabila ,ikiringo ciwe caheze mu mwaka wa 2016 amatora akaba ategekanywa mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.