Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Reta yagirije umurwi Bundu Dia Mayala ko ariwo ukora ubwicanyi
RDC: Reta yagirije umurwi Bundu Dia Mayala ko ariwo ukora ubwicanyi
mardi 8 Myandagaro 2017
Umuvugizi w’igoporisi Pierrot Rombaut Mwanamputu yamenyesheje ko abarwanyi b’umurwi Bundu Dia Mayala bateye baririmba indirimbo z’Imana, bavuga n’amajambo yo kwiyamiriza ubutegetsi.
Mu migumuko iheruka kuba mu gisagara ca Kinshasa, amasasu yahitanye abantu 12 bapfuye, abaporisi babiri nabo barakomereka cane inyuma yo gukubitwa.
Indyane za poritike mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo zatanguye kuva umukuru w’igihugu Joseph Kabila yongereye ikiringo ku cari gitegekanijwe ko aheza ikiringo co kurongora igihugu.
Abatavuga rumwe nawe bagumye basaba ko yotanga imihoho ariko ntivyakunze.
MUGISHA Van Naris