RDC : Umugambwe UDPS wagenye Felix Tshisekedi kuwuserukira mu matora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er avril 2018 saa 07:57
6165
0 0

Umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi ,uri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo UDPS, wagenye Félix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi kuwuserukira mu matoraazoba mu mpera za 2018.

Amakuru y’itororknirizo ry’abafaransa AFP, amenyesha ko umugambwe UDPS wamenyesheje ko Félix Tshisekedi, ariwe azowuserukira mu kwezi kwa 12, inyuma y’inama yabereye i Kinshasa.

Felix Tshisekedi yatowe kandi kurongora umugambwe utavuga rumwe na Reta UDPS ku majwi 790 ku 803.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2018, inyuma y’ukwigizwa inyuma incuro zibiri.

Umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2001, akaba yategerezwa kuba yavuye ku butegetsi mu mpera z’umwaka wa 2016, ahejeje ibiringo bibiri arekuriwe n’amategeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha