IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umuntu umwe yitavye Imana arashwe mu rugendo rwo kwiyamiriza umukuru (...)

RDC : Umuntu umwe yitavye Imana arashwe mu rugendo rwo kwiyamiriza umukuru w’igihugu

lundi 26 février 2018

Jean-Claude Tabu, patiri mukuru wa paruwase Saint Benoit, yavuze ko imisa yo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018, yatanguye nk’uko bisanzwe, igihe c’isaha zitatu, ariko mu nyuma abasirikare n’abaporisi baca bakikuza urusengero, batangura gutera ivyuka bikoroza amosozi.

Patiri mukuru wa paruwase Saint Benoit, avuga ko abo baporisi n’abasirikare bahavuye batangura kurasa amasase atica, mu nyuma bahava barasa amasase y’ukuri, yakomerekeje batandatu mu bakozi ba paruwase.

Amakuru dukesha ikinyamakuru JeuneAfrique, amenyesha ko ubuyobozi bw’ishenegero katorika muri Republika Iharanirwa Intwaro Rusangi ya Kongo, bwamenyesheje ko umuntu umwe yapfuye abandi benshi barakomereka, mu gihe igiporisi coco cemeza ko ata muntu n’umwe yitavye Imana.

Urwo rugendo rw’amahoro rwo kwiyamiriza ukwigumiza ku butegetsi kw’umukuru w’igihugu Joseph Kabila, rutunganijwe ku ncuro ya gatatu, mu mezi abiri.

Abayoboke b’idini katorika mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo,batanguye gusaba ko umukuru w’igihugu ava ku butegetsi, inyuma y’umwaka arangije ikiringo, mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2016.

Abepisikopi katorika, baragerageje guhuza umukuru w’igihugu Joseph Kabila n’abo batavuga rumwe, ariko biba impfagusa.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.