Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Umushikiranganji w’ubutungane avuga ko umutahe wo gufata Moise Katumbi (...)
RDC: Umushikiranganji w’ubutungane avuga ko umutahe wo gufata Moise Katumbi ukiriho
Friday 17 August 2018, by
Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako Moise Katumbi yagirizwa urudandazwa rwa magendu hamwe no kwinjiza mu gihugu abanyamahanga bamucungerera ubuzima hadakwirikije amategeko.
Mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro,Moise KATUMBI yaragerageje kwinjira mu gihugu kugira ashikirize ivya ngombwa mu ntumbero yo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ariko abajejwe intwaro baramwankiye kwinjira mu gihugu.
Umushikiranganji w’ubutungane murico gihugu Tambwe Mwamba yavuze ko ivyo abanywani ba Moise Katumbi bariko barakora ari urukino rwa poritike.
Moise Katumbi , yahoze arongoye intara ya Katanga, haciye imyaka 2 ahunze igihugu akaba afatwa nk’uwutavuga rumwe wa Reta murico gihugu akomeye kuruta abandi mu gihugu.

Vianney BIKORIMANA