Incamake

RDC : Urubanza kwa Moise Katumbi rwatanguye kwumvirizwa atariho ari

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 juin 2018 saa 07:25
14160
0 0

Ubutungane mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo bwatanguye kwumviriza urubanza rw’umwe mu bakuru b’abatavuga rumwe na Reta , Moise Katumbi, aho yagirizwa kuzana abacangero mu mwaka 2015.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Moise Katumbi n’abandi bantu batandatu harimwo n’umunyamerika umwe, bagirizwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Moise KATUMBI asanzwe ari umugwizatunga yahoze arongoye intara ya Katanga ariko aciribwa urubanza atariho ari, kuko haheze imyaka ibiri aba mu buhungiro.

Kuwa kabiri igenekerezo rya 26 Ruheshi 2018, Moise Katumbi yabwiye BBC ko ashaka kuzosubira mu gihugu ciwe mu mezi abiri ari imbere kwiyandikisha mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha