RFI na France24 zashize ahabona abakinyi 13 bazohiganirwa agashimwe Marc-Vivien Foé 2018

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 avril 2018 saa 02:55
8220
0 0

Iradiyo y’abafaransa RFI n’imboneshakure France 24, bashize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018, urutonde rw’abakinyi 13 bazohiganirwa agashimwe kitiriwe umukinyi Marc-Vivien Foé yava mu gihugu ca Cameroun, yitavye Imana ari mu kibuga.

Abo bakinyi bagizwe n’abakinyi bava ku mugabane wa Afrika, bose bakina mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa,ni :

Keita BALDÉ DIAO ava mu gihugu ca Senegal,
Matthieu DOSSEVI va mu gihugu ca Togo,
Max-Alain GRADEL ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire,
Gaël KAKUTA ava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo,
Wahbi KHAZRI ava mu gihugu ca Tiniziya,
Moussa KONATÉ ava mu gihugu ca Senegal,
Nicolas PÉPÉ ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire,
Jean Michaël SERI ava mu gihugu Cote d’Ivoire,
Julio TAVARES ava mu gihugu ca Cap-Vert,
Karl TOKO EKAMBI ava mu gihugu ca Cameroun,
Bertrand TRAORÉ ava mu gihugu ca Burkina Faso,
Hamari TRAORÉ ava mu gihugu ca Mali,
André-Frank ZAMBO ANGUISSA ava mu gihugu ca Marseille.

Ako gashimwe kitiriwe umukinyi Marc-Vivien Foé 2018, kazoba gatanzwe ku ncuro igira 10, umukinyi umwe wenyene wa Côte d’Ivoire Gervinho niwe amaze kugatwara incuro zibiri, mu mwaka wa 2010 n’umwaka wa 2011.

Abandi bamaze gutwara ako gashimwe :

2009* : Marouane Chamakh ava mu gihugu ca Maroc
2010* : Gervinho ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire
2011 : Gervinho ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire
2012 : Younès Belhanda ava mu gihugu ca Maroc
2013 : Pierre-Emerick Aubameyang ava mu gihugu ca Gabon
2014 : Vincent Enyeama ava mu gihugu ca Nijeriya
2015 : André Ayew ava mu gihugu ca Ghana
2016 : Sofiane Boufal ava mu gihugu ca Maroc
2017 : Jean Mickaël Seri ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire.

JPEG - 67.7 ko
Jean Mickaël Seri , yatwaye agashimwe kitiriwe Marc-Vivien Foé 2017

Marc-Vivien Foé yakinirwa umurwi wa Stade Gerland de Lyon, yapfuye aguye mu kibuga kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2003.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha