Amaradiyo atatu yongewe ikiringo c’ugushire umukono ku masezerano na CNC

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 juillet 2017 saa 11:59
Yasomwe : 13788
0 0

Icegera c’umukuru w’urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC akaba n’umuvugizi Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA, amenyesha ko Iradiyo y’abanyagihugu RPA, Radio Bonesha FM na RT Renaissance zongewe ikiringo kugira zibe zashize umukono ku masezerano na CNC.

Umuvugizi w’urwego CNC Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA amenyesha ko ku bindi binyamakuru ikiringo kizohera kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017, ariko kuri izo radiyo zitatu bongereje ikiringo kubera hari ivyo batarakora.

Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA avuga ko kuba hari amadosiye ari mu butungane araba ayo maradiyo, biri mu bituma batarashira umukono ku masezerano hagati yayo n’urwego CNC, kandi kuba hari abatari mu gihugu navyo nyene bituma batarabikora.

Umuvugizi w’urwego CNC yavuze ko iyaba atari ikibazo c’uko Radiyo RPA, Radiyo Bonesha FM na Radiyo-Tereviziyo Renaissance zifise amadosiye ari mu butungane, nabo ikiringo cabo coheze kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017.

Aimé Divine NIYOKWIZIGIRWA umuvugizi w’urwego CNC asaba n’abandi batarashira umukono ku masezerano hagati ya CNC nabo, kubikora imbere y’uko ikiringo catanzwe gihera.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta cabaye kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE yamenyesheje ko amatohoza yamaze guhera, ko hasigaye ingingo ubutungane buzofata ku vyagirizwa ayo maradiyo ko yagize uruhara mw’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi ryabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha