Rainbow Mining Burundi yemerewe gusubira gukora ibikorwa ryavyo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 18 October 2018 saa 01:12
23700
0 0

Ishirahamwe ricukura ubutare Rainbow Mining Burundi ryemerewe kubandanya ibikorwa ryavyo imyuma yaho amashirahamwe akorera mu gisata co gucukura ubutare ahagaritswe asabwa gukora yisunze itegeko rigenga ico gisata.

Mw’ikete inomero 760/CAB/1684/2018,umushikiranganji w’ubutare n’agataka hamwe n’amasoko ntanganguvu yandikiye umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2018,Come MANIRAKIZA amenyeshako iryo shirahamwe ryemerewe gusubira kurangura ibikorwa ryavyo hisunzwe icegeranyo abahinga b’iryo shirahamwe bashikirije ko bagiye kwisunga itegeko rigenga ico gisata.

Muriryo kete,Come MANIRAKIZA avuga ko kubahiriza ivyo biyemeje bibaha uburenganzira gushasha bwo gukora kandi mu gihe batayubahirije baca bakwa ubwo burenganzira bwo kurangura imirimo yabo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha