Home > Amakuru > ishirahamwe > Regideso yafashe ibikoresho bikanyisha 25 (Congelateurs) vyakoresha (...)
Regideso yafashe ibikoresho bikanyisha 25 (Congelateurs) vyakoresha umuyagankuba wibwe
Wednesday 8 August 2018, by
Umuyobozi w’igisata kijejwe ubudandaji mw’ishirahamwe REGIDESO,Charles KUMWAMI amenyeshako ivyo bikoresho bikanyisha vyakoresha umuyagankuba uciye ku gice co muri Ruzizi gitanga umuyagankuba muri REGIDESO.
Charles KUMWAMI yavuze ko hariho umuyagankuba Regideso igura mu gihugu kibanyi ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo ariko k’uruhande rwo muri Kongo ata bubasha bafise bwo kudandaza umuyagankuba k’umuntu wo mu Burundi kireste kuwudandaza muri REGIDESO gusa.
Uyo atwara igisata c’ubudandaji muri REGIDESO avuga ko igikoresho kimwe muri vyo bikanyishwa catangishwa amafaranga ibihumbi 80 ku kwezi vyose uko ari 25 bikaba vyarihishwa amafaranga arenga imiriyoni 2 y’amafaranga y’amarundi.

IGIHE
Forum posts
9 August 2018, 07:28, by lg
Abantu biba umuriro ni abajura batuma abandi batawubona hose birahaba, ibihano bikomeye bituma ababikora babiheba, Regideso izige uko mu Rwanda bikorwa ufashwe yiba, umuriro ahanwa, kuva kuli 1 million Rfw kugeza kuli 10 million Rfw ibaze ubaze muli Bfw, bituma abantu babitinya bigatuma ni kigo kidahomba*