Reta y’Uburundi yemeza ko itigeze ihakana kwitaba ibiganiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 18 avril 2018 saa 08:50
20970
0 0

Reta y’Uburundi imenyesha ko itigeze ivuga ko itazokwitaba ibiganiro bihuza abarundi. Firipo NZOBONARIBA, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta, asigura ko ibiganiro vyamye kandi bizoguma arico gikoresho co gutorera inyishu ibibazo hagati y’abarundi.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yashize ahabona kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, ibicishije ku muvugizi akaba n’umunyamabanga wayo, imenyesha ko yamenyeko hari itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimenyesha ko Reta yahagaritse kwitaba ibiganiro bihuza abarundi.

Reta y’Uburundi imenyesha ko, ivyari muri iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU atari vyo, kuko ibiganiro ari umuco n’umugenzo w’abarundi.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha ko igifitiye icizere umuhuza mu biganiro bihuza abarundi Benjamin MKAPA hamwe na Yoweri Kaguta MUSEVENI, ifatiye ku twigoro bagira mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

JPEG - 80.8 ko
Filipo NZOBONARIBA, Umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta

Reta y’Uburundi yemeza ko yashimishijwe n’ivyavuye mu biganiro biheruka kubera i Arusha mu mpera z’umwaka wa 2017, kuko ibibazo bitari bike vyatorewe inyishu, ariko ko Reta yerekanye icipfuzo c’uko ibiganiro vyotahukanwa mu gihugu.

Ku bijanye n’ibiganiro biriko birategurwa, Reta y’Uburundi imenyesha ko iriko iravugana n’umuhuza kugira bahurize kw’igenekerezo rizotuma ibikorwa vyamaze gutegurwa bidahungabana.


Kumenyekanisha

1
ruberintwari anaclet 18-04-2018 à 10:10

Ikinyoma ntibakibuze. abatazi baraja narwo ngo muzovyitaba biramutse bibaye imbere ya le 17-05-2018

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha