Rumonge : Abarovyi babiri bishwe n’abarovyi bava muri Kongo Iharanira Intwaro Rusangi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 novembre 2017 saa 03:15
Yasomwe : 12258
0 0

Abagabo babiri bakora umwuga wo kuroba, barishwe mw’ijoro ryo kuw’Imana buca ari kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Munyonyo 2017, mu kiyaga Tanganyika, mu gice ca Kagongo, zone Kizuka, komine n’intara ya Rumonge.

Abo bishwe bazwi umwe kw’izina rya Hassan UWEZO,uwundi azwi kw’izina rya Duphikibose bava muri Zone Gitaza, mu ntara ya Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu miryango yabo bagabo amenyesha ko bafashwe n’umurwi w’abarovyi bava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi, barabakubita baca babata mu kiyaga Tanganyika.

Abo bagabo bagirizwa ko hamwe n’abandi barovyi b’abarundi boba bafasha mu kwerekana n’ifatwa ry’ibikoresho vy’abarovyi bava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bakoresha kandi bitemewe n’amategeko.

Gushika ubu ibiziga vyabo babiri ntibiratorwa, ariko umwe mu bari kumwe nabo babiri yarashoboye kubaca mu ryahumye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha