Ruyigi : Umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro yankiwe gusubira gukora amakuru y’iyo ntara

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 février 2018 saa 11:07
17025
0 0

Inyuma y’inkuru yashikirije ivuga ku bijanye n’intererano y’amatora iriko isabwa abigisha mu ntara ya Ruyigi, buramatari w’intara ya Ruyigi Abdallah Hassan yafashe ingingo ko, umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro atosubira gutanga inkuru n’imwe ivuye muri iyo ntara.

Jean Claude NSHIMIRIMANA, umumenyeshamakuru wa Radiyo Isanganiro mu ntara ya Ruyigi, yari yatumweko mu biro vya buramatari mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018.

Amakuru dukesha urubuga rwa twitter rwa radiyo Isanganiro, amenyesha ko amaze kwumvirizwa na buramatari, Jean Claude NSHIMIRIMANA yasohotse, ahawe itegeko ko ata nkuru n’imwe yo mu ntara ya Ruyigi yosubira kuvuga.

Intandaro yo gutumwako na buramatari w’intara ya Ruyigi, ni inkuru yaciye mu makuru yo kuri radiyo Isanganiro, aho yavuga ku bijanye n’amafaranga ariko aratozwa mu bigisha n’abayobozi mu ntara ya Ruyigi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha