IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Urubanza rwa Diane Rwigara n’abo mu muryango wiwe rwashizwe ku (...)

Rwanda : Urubanza rwa Diane Rwigara n’abo mu muryango wiwe rwashizwe ku wundi munsi

lundi 9 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ntahe yo kuri uwu wa mbere, ari baje kwumviriza bari benshi ku buryo ku buryo hari hashizweho ivyuma bishikana amajwi kure.

Umushingwamanza Buhuru afashwe abo mu muryango wa RWIGARA yamenyesheje ko atarasoma ibirego, arico gituma atateguye urubanza. Yasavye ko urubanza rushirwa ku yindi sango kugira abanze asesangura ingingo zafashwe na Sentare. Yasavye iminsi itanu.

Adeline Rwigara, umuvyeyi wa Diane Rwigara yabwiye abacamanza ko we n’abana biwe batazi ico bagirizwa, avuga ko bakeneye kubona dosiye bakaburana bayifise.

JPEG - 24.8 ko
Diane RWIGARA (i bubamfu) ari muri Sentare

Umushikirizamanza yabwiye uwo muryango wa RWIGARA ko abakurikiranwa bose babwiwe ivyo bagirizwa, bumvishwa n’amajwi arimwo ibimenyetso vy’ivyaha bairizwa vy’ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Inyuma y’izo mpari, Sentare yasavye ivyasabwe n’umushingwamanza w’abakurikiranwa n’ubutungane ko yohabwa iminsi itanu y’ukwiga ibiri mw’idosiye, urubanza rwimurirwa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Gitugutu 2017 isaha zitatu z’agatondo, ni ukuvuga inyuma y’iminsi itatu.

JPEG - 289.7 ko
Diane Rwigara n’abo mu muryango wiwe imbere ya Sentare

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.