Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOS TORTURE: Abantu 4 barishwe 11 nabo barakomereka mu kiringo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS TORTURE: Abantu 4 barishwe 11 nabo barakomereka mu kiringo (...)

SOS TORTURE: Abantu 4 barishwe 11 nabo barakomereka mu kiringo c’indwi

lundi 11 Nyakanga 2017

Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture inomero 91 co kw’igenekerezo rya 9 nyakanga 2017 ku bijanye n’isinzikanzwa ry’agateka ka zina muntu kigaruka kandi k’umuporisi yagerageje kugandagura umushikirizamanza mukuru w’intara ya Rumonge aho uyo muporisi yafashwe ariko mu nyuma hamenyeshwa ko yiyahuye mu nzira zidasiguritse.

Ku bijanye n’ihagarikwa hatisunzwe amategeko hamwe no gusinzikarizwa agateka ,ico cegeranyo kivuga ko abantu 3 basinzikarijwe ubuzima n’imbonerakure mu ntara ya Ruyigi hamwe n’umufungwa umwe yasinzikarijwe ubuzima n’umuporisi mu ntara ya Makamba.

Isekeza SOS-Torture rigaruka kandi ku biziga 2 vyatowe mu ntara ya Kayanza kimwe muri komine Muruta ikindi muri komine Muhanga, vyose uko ari bibiri bikaba vyatowe mu nzuzi.

Ico cegeranyo kigaruka kandi ku bwicanyi bwakorewe Claudette Irankunda hakoreshejwe imipanga mu ntara ya Ruyigi hamwe na Sebukwe wiwe Samuel NTIRAMPEBA yakomerekejwe bikomeye nabo bagandaguye umukazana wiwe bikavugwa ko bazira itongo uyo muryango waheruka gutsindira risanzwe ribamwo imiryango 800.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.