Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOS-Torture : Batatu barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Batatu barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

SOS-Torture : Batatu barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

dimanche 31 décembre 2017

Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, kimenyeshako ko mu bantu bishwe, harimwo umukozi w’ishirahamwe ricungera ibintu mu ntara ya Rutana, hamwe n’umwigeme yiciwe muri komine Mutimbuzi, bose bikaba bisa naho biyahuye.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abanywanyi b’umushingamateka Agathon RWASA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, bagirizwa ko boba bariko bigisha kutemeza ibwirizwa nshingiro.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandiku rupfu rw’umwigeme azwi kw’izina rya Tamari yaba muri zone Muzinda, komine Rugazi, akaba yari asanzwe ari umunyeshuri, ikiziga ciwe catowe muri komine Mutimbuzi ,inyuma y’umunsi umwe aburiwe irengero, ababonye ico kiziga aho cari kimanitse ku kigazi, bavuze ko atiyahuye ahubwo yishwe aca amanikwa kugira bazokwibaze ko yapfuye yiyahuye.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rigaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke batanu b’umushingamateka Agathon RWASA, muri komine Gihanga,intara ya Bubanza, bagirizwa kuba bariko barigisha kutemeza ibwirizwa nshingiro.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko ku bwicanyi bwabaye muri ico kiringo, ata numwe yabukoze yafashwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.