Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Batatu barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko
SOS-Torture : Batatu barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko
dimanche 31 décembre 2017
Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, kimenyeshako ko mu bantu bishwe, harimwo umukozi w’ishirahamwe ricungera ibintu mu ntara ya Rutana, hamwe n’umwigeme yiciwe muri komine Mutimbuzi, bose bikaba bisa naho biyahuye.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abanywanyi b’umushingamateka Agathon RWASA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, bagirizwa ko boba bariko bigisha kutemeza ibwirizwa nshingiro.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandiku rupfu rw’umwigeme azwi kw’izina rya Tamari yaba muri zone Muzinda, komine Rugazi, akaba yari asanzwe ari umunyeshuri, ikiziga ciwe catowe muri komine Mutimbuzi ,inyuma y’umunsi umwe aburiwe irengero, ababonye ico kiziga aho cari kimanitse ku kigazi, bavuze ko atiyahuye ahubwo yishwe aca amanikwa kugira bazokwibaze ko yapfuye yiyahuye.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rigaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke batanu b’umushingamateka Agathon RWASA, muri komine Gihanga,intara ya Bubanza, bagirizwa kuba bariko barigisha kutemeza ibwirizwa nshingiro.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko ku bwicanyi bwabaye muri ico kiringo, ata numwe yabukoze yafashwe.
MUGISHA Van Naris