Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Senegal : Urubanza rwa Hissène Habré rurumvirizwa muri sentare y’iyungururizo
Yanditswe taliki ya 9-01-2017 - isaha 10:30' na IGIHE

Urubanza rwa Hussein Habre yahoze arongoye igihugu ca Tchad rurasubira kwumvirizwa muri sentare y’iyungururizo, ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar.

Hissene Habre yunguruje ku rubanza yari yaciriwe rwo gupfungwa ubuzima bwose mu kwezi Rusama, mu mnwaka uheze wa 2016, yagirizwa guhohotera, guhonyanga agateka ka zina muntu,ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Bitegekanijwe ko abashingwamanza na Hussein Habre basaba ko urubanza rusubirwamwo,ariko hamwe bitokunda nta kandi karyo ko kwunguruza kuko abacamanza bazoheza ikiringo cabo kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2017.

Mu kwezi kw ‘indwi 2017, Hissene Habre yari yaciriwe gutanga indishi y’akababaro iva ku miliyoni 10 gushika ku miliyopni yama FCFA ku bakorewe amabi.

Ivyiyumviro vyanyu

Bacomeshe uwomuhimbiri yamazabantu gufurwubuzima bwiwe bwose biramukwiye gose gose.

10.01.2017 à 06:05
Ntakirutimana AL Joel

Ntabave muvyara uwomwicanyi wumugesera yahoneje abo yaragejwe gukingira !,Nankurunziza twifuzako mubihe bizoza koyocirirwa uwogufurwa ubuzima bwiwe bwose,niho tuzotahura kubucamanza bwazutse hano muburundi.

10.01.2017 à 06:01
mzoyihera intagoheka

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.