Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Bujumbura : Ibikorwa vyo gushiraho amatara afasha abiyunguruza mu (...)
Bujumbura : Ibikorwa vyo gushiraho amatara afasha abiyunguruza mu mabarabara vyatanguye
lundi 12 Ruheshi 2017
Ivyo bikorwa vyatanguriye kw’ibarabara rica hafi y’ikibanza gishinguwemwo uwahoze arongoye Uburundi NDADAYE Melchior, gica kibandaniriza ku yandi mabarabara ari hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Hari haheze iminsi ishirahamwe ry’abashinwa Sinohydro Tianjin ryimvye ibinogo mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, na cane cane mu mahuriro y’amabarabara ahakunda guhurira imodoka canke ibindi vyunguruza abantu vyinshi.
Abatwara imiduga bamenyesha ko bashima ico gikorwa ariko bakavuga ko mu gihe batoronswa inyigisho zibamenyesha uko ayo matara akora, bamwe bazosanga bishe ico bagomba gukiza, kuko hari abadatahura ingene ayo matara akora.
Basaba abajejwe umutekano mw’ibarabara bari kumwe n’abo mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu gutunganya ivyigwa ku bagendesha ivyuma kugira bamenye uko bokwifata kuri ubwo buhinga buje mu gisata co kwiyunguruza.
![](local/cache-vignettes/L672xH504/feux2-fa887.jpg?1550719951)
MUGISHA Van Naris
Messages
12 Ruheshi 2017, 14:45, par claire
burakeye bavyibe niyo ngeso yabarundi!!!!!!!!!!!
12 Ruheshi 2017, 16:20, par Cishahayo
Ndabona ko aba DD bariko barakwega guerre civile, ivyo tuzobimenagura atacamira!