Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Abasirikare ba Amerika bakoroye indege y’igisirikare ya Siriya (...)
Siriya : Abasirikare ba Amerika bakoroye indege y’igisirikare ya Siriya .
lundi 19 Ruheshi 2017, par
Nk’uko tubikesha BBC, Reta ya Siriya imenyesha ko indege yabo yari mu gikorwa co gutera abagwanyi biyitirira Reta ya kiyisiramu aho yaraswa kuri uwu w’Imana uheze.
Reta ya Amerika imenyesha ko yafashwe ingingo zo kwirinda kuva aho igihugu ca Siriya gitanguye kugaba ibitero ku basirikare ba Siriya bafashwe mu mugongo na Reta ya Amerika.
Mu ntango z’uku kwezi kwa Ruheshi, Amerika yarakoroye indege ya Siriya, inyuma y’aho iyo ndege yari ihejeje gutera abagwanyi bari ku rubibe rwa Siriya na Irake aho bita Al Tanf.
Vianney BIKORIMANA