Somalia:Abasirikare ba Amerika bishe umugwanyi akomeye wa Al-Shabab

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 1er Myandagaro 2017 saa 04:17
Yasomwe : 9873
0 0

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Somariya bamenyesheje ko umusirikare akomeye w’umugwi w’abagwanyi wa Al Shabab yishwe mu gitero cakozwe n’abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Igisirikare ca Amerika kijejwe umugabane wa Afirika camenyesheje ko umugwanyi akomeye w’umugwi wa Al Shabab yishwe mu gitero mu bumanuko bw’ico gihugu ahitwa Tortoroow ariko izina ry’uwo mugwanyi ntiryamenyeshejwe.

Amakuru ava I Mogadishio amenyesha ko umushikiranganji wa reta ya Somariya ajejwe kumenyesha amakuru Abdulrahman Omar yamenyesheje ko mu biriko birakorwa ari kurondera umugwanyi Ali Jabal yagirizwa ko ariwe aheruka gukora igitero cabereye hafi y’ibitaro vyo ku mugwa mukuru Mogadishio

Mwomenya ko abasirikare ba Reta zunze Ubumwe za Amerika bakoze ico gitero mu gihe mu ntango z’uyu mwaka wa 2017 umukuru w’igihugu Donald Trump yatanze ububasha n’uburenganzira ku basirikare ba Amerika bwo gushobora gukora ibitero bikomeye ku bagwanyi ba Al Shabab .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha