Abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana mu gitero c’abarwanyi ba Al Shabaab

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 2 Ntwarante 2018 saa 04:46
102645
0 0

Abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana, indwi barakomereka, abandi bane ntawuramenya irengero ryabo, aho ni mu gitero cabaye kuri uwu wa gatanu ku miduga yari yunguruje abo basirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko iyo miduga yari yanguruje abasirikare b’Abarundi bagera kuri 49 yategerewe nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu igeze ku birometero 50 ivuye mu gisagara ca Mogadisco, mu gihugu ca Somaliya. Yari igeze aho bita Jowhar.

Nk’uko bivugwa na Colonel Gaspard BARATUZA, abo basirikare bari bashiriye imfungurwa bagenzi babo, bakaba bategerewe n’abarwanyi ba Al Shabaab bateze iyo miduga igisasu co mu bwoko bwa "Mine", bongera babatera ikindi gisasu co mu bwoko bwa "Roquette". Abo basirikare b’Uburundi bari batewe baciye barasana n’abo barwanyi.

Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana muri ico gitero, abagera ku ndwi barakomereka, abandi bane baburirwa irengero.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, mu butumwa yacishije ku muhora wa "Twitter" yahojeje imiryango y’ababuze, amenyesha ivyabaye bitazoca intege igihugu c’Uburundi ciyemeje kurwanya iterabwoba.


Kumenyekanisha

1
Francis karabona 6-03-2018 à 13:01

Birababaje nukwihangana vrment abanyurujwe nabo ntagukeka basa nabapfuye

2
Mob 5-03-2018 à 04:57

Birateye agahinda.none barakorayo iki?all shabaab izobamara kweli

3
mutiti 5-03-2018 à 00:22

ntagubic intege kuko umugabish niyes umwam wacu kand bakomer kurugamb ntibacik integ urugamb bazorutsind ndavyizey imana niyo cabona

4
lg 4-03-2018 à 10:15

IMIRYANGO YABO YIHANGANE MURUWO, MUBABARO. BARIMO

5
Niyukuri J:marie 4-03-2018 à 08:45

Ntakundi Vyama Vyabay Nkaba Mpojej Imiryango Yaburiyemwo Abayo Ntakundi Nikobigenda Kuko Baphuye Nkabagabo Kuko Bariko Barwanya Agahotoro Kandi Nkamenyesha Yuko Bagenzi Bacu Basigaye Yuko Batoca Bacika Intege Ahubwo Barushirize Kubarwanya Babiyamiriz Al Shabbab Ntantabwe Izotera Nkaca Ndongera Kubamenyesha Yuko Tuzobarwanya Abo Ba Al Shababu Kugeza Tubatsinze Kandi Jew Ndaz Tuzobatsinda None Abo Bane Baranyurujwe?Hoho None Kurabo Babuze Irengero Ntaco Mwoba Muhaye Mukora Kugirango Bashobor Kuboneka?Hura Ntimwihebure

6
Jean 3-03-2018 à 20:29

Basha Birababaje Nibakomere Kumuheto Abasigaye Ntibacikintege

7
nkotanyi 3-03-2018 à 13:07

turihanganishije imiryango y’ababuze ababo muri iki gitero ikababaje ubwo Pita azarya nu udufaranga twabo bitabye Imana. ariko sinaherutse mwigamba ngo shababu mwarayimaze ra??! ko ndeba yabakubise embuche y’akaga??!??!!

8
Nsabimana Mechack 3-03-2018 à 08:08

Ashajembonarihatar

9
Jojo 2-03-2018 à 22:51

Imana ibakire ariko ingabo zacu ntimucik intege urugamba tuzorutsinda umugabisha ni Yesu

10
ahishakiye.gaspard 2-03-2018 à 20:36

ntaco.ntagucika.intege.dutegerezwa.kubandanya.gufasha.ibihugu.bigifise.ingorane.kuko.twebwe.ubu.dufatanye.munda.abarundi

11
Maria Ntakirutimana 2-03-2018 à 18:04

Birababaje rwose. Nkumbure abo baburiwe irengero muzobatora. None muba Al Shabab ho ntawapfuye? Ni mukomere ku rugamba, ibanga ribangirwa ingata

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha