IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somariya : Abantu 15 basize ubuzima mu gitero

Somariya : Abantu 15 basize ubuzima mu gitero

vendredi 29 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’umugwi w’abagwanyi ba Al-Shabab yamenyesheje ko bafashe igisagara ca Barire giherereye ku birometero 50 mu burengero bw’umugwa mukuru Mogadishio.

Uwo avugira Al-Shabaab yamenyesheje kandi ko abasirikare bagera kuri 21 ba Reta bishwe, abandi nabo barahunga.

Abajejwe intwaro muri Barire bahakanye izo nkuru, bavuga ko ata banyagihugu bapfuye ko ari abagwanyi b’uwo murwi, ariko inyuma y’aho gato bemeje ko ari abanyagihugu b’abarimyi bapfuye.

Hari haciye indwi nke abarwanyi bashika kuri 10 bapfuye mu gitero cari categuwe n’igihugu ca Somariya gifatanije n’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika muri ako gace nyene.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.