Sudani y’Epfo: Ukudatumira Riek Machar mu biganiro bishobora gutuma indyane zibandanya

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 27 Mukakaro 2017 saa 05:10
Yasomwe : 3861
0 0

Abakwirikirana ibibazo vy’umutekano mu gihugu ca Sudani y’Epfo bavuga ko gukumira umukuru w’abarwanyi Riek Machar ,mu mugambi mushasha wo kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu ko bizotuma ingwano hagati y’abanyesudani b’epfo ziyongera.

Amakuru ava aho muri Sudani y’Epfo amenyesha ko kugira amahoro arama aboneke ,impande zose zifise uruhara mu kugarukana amahoro n’umutekano zitegerezwa gutumirwa.

Ivyo bikaba biriko bisabwa mu gihe abashikiranganji bo mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko bafitaniye umubonano mu gihugu ca Sudani y’Epfo muri ino ndwi ,nabo bakaba bashikirjje ko abazoserukira Riek Machar bazotumirwa ariko we kubwiwe ko atazotumirwa.

Mwomenya ko abanyagihugu baharurwa mu mamiriyoni aribo bataye izabo mu gihe uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Riek Machar atanguje ingwano, inyuma y’igihe gito yirukanywe mu mabanga n’umukuru w’igihugu Salvakir.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha