Sudani ya ruguru ishobora kuba igihugu kigira indwi muri Afrika y’ubuseruko

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 18 Gitugutu 2017 saa 02:25
17565
0 0

Ubuyobozi bw’Umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC), butangaza ko Sudani ya Ruguru irongowe na Omar al Bashir, yemerewe gusubira gusaba kwinjira muri uwo muryango, kuko inzitizi zatumye ubwa mbere ico gihugu cankirwa zavuyeho.

Umuyobozi guhuza Afrika y’ubuseruko n’izindi nzego, Simon Owaka, yavuze ko mu mwaka w’2011, Sudani yari yanditse isaba kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ico gihe ntiyemerewe kuko ata gihugu na kimwe kigize uwo muryango cahuza urubibe na Sudani ya ruguru. Ico gihugu casabwe ko kurindira Sudani y’epfo yemererwe.

PNG - 1.5 Mo
Omar al Bashir, umukuru w’igihugu wa Sudani ya ruguru

Kuva aho Sudani y’epfo yemerewe mu mwaka uheze kuba umunyamuryango wa Afrika y’ubuseruko, ikaba ihana urubibe na Sudani ya ruguru, biyemerera kwinjira mu muryango ariko bikaba biyisaba kwongera kubisaba.

Mu gihe Sudani ya ruguru yobisaba, ikongera ikemererwa, kizoba kibaye igihugu kigira indwi kigize uwo muryango inyuma y’Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Uganda, Kenya, hamwe na Sudani y’epfo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha