IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Suisse : Donald Trump yiteze guhura n’umukuru w’igihugu c’Urwanda

Suisse : Donald Trump yiteze guhura n’umukuru w’igihugu c’Urwanda

mercredi 24 janvier 2018

Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame azobonana n’uwo mukuru w’igihugu ca Amerika mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire ku bijanye n’ubudandaji hamwe n’umutekano.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko aAbandi bitegekanijwe ko bazohura na Donald Trump muri iyo nama, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza Therese May hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Isirayeri Benjamin Netanyahu.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko umuhanuzi ajejwe ivy’umutekano wa Donald Trump yamenyesheje ko iyo nama izoha akaryo uwo mukuru w’igihugu kunagura imigenderanire mu vy’ubutunzi n’ibindi bihugu.

Iyo nama igiye kuzoba, mu gihe haciye imisi mike hari icuka kibi kubijanye na poritike hagati y’ibihugu vy’umugabane wa Afirika hamwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump, inyuma yaho uwo mukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika avuze ko ibihugu vyo muri Afirika ari ibihugu vy’umwanda.

Donald Trump ubwiwe yarahakanye ko atavyo yavuze naho umuryango w’ibihugu vya Afirika vyamusavye ko yosaba ikigongwe kuri ayo majambo yashikirije.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Akabi gasekwa nkakeza ...trump ko avuga ko afrika ari imisarane ubwo azemera guhura nabayobara iyo misarani nkuko yabivuze ....???? trump age areka kwihenura amenye ko nawe Atari umunyamerika kandi yibuke ko amerika yabayeho kubwimbaraga zabirabura kandi batanabahemba ...imana ijye iturinda kwihenura .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.