IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sylvestre NTIBANTUNGANYA yagarutse mu Burundi

Sylvestre NTIBANTUNGANYA yagarutse mu Burundi

lundi 12 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, ubu akaba ari umukenguzamateka, yagarutse mu Burundi, inyuma y’umwaka urenga yari amaze ari mu gihugu c’Ububirigi.

Yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu w’Imana. Yari yavuye mu Burundi mu ntureka zakurikiye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

  • yariyahunzubusa.yabonye kwivyo basaba ububirigi butobishobora. nonekoyasabinteko zamakungu harinumwe yajazanye? ntazocungerwa nabi yitabicanyi? nabandi nibaze.

  • naze yubake igihugu ciwe areke guturatura

  • Kombona Akuze Bamuhenze Gute Canke Yibagira Vuba Nkinkoko!Kubona Yubahuka Agakurikira Abamumariye Uburyango Ubuyaribagiye Ivyobamukoreye Ibugendana Nimpembo Buyoya Yamuhaye!Returabe Kwaje Ngira Azohanura Nabandi Bavinyuma Ya Buyoya

  • Nabandi Nibatahe Baze Twubake Igihugu Kiretse Abagiye Bakoze Ivyaha bonyene gusa

  • Ko Mutatubwiye Kwazananye Nazanteko Ibihumbi Bitanu Bahora Basabira Uburundi?

  • Amaherezo y’inzira ni munzu,kandi umwana wicangazi yasubiye murugo kwa se,nabandi ngo bari inyuma baza.nibasabe abarundi ikigongwe.ariko rero ntasabe amafranga yo munama nkenguza mateka kuko ntaco yahereje amaboko,ibisibo vyabaye vyinshi,mbere muce muzana itegeko nshingiro ryasubiwemwo turitore,bavanwe kuba abakenguza mateka a vis,tubakuremwo bazoze bararya ivyo baruhiye,apana kwama banyunyuza uburundi na barundi.barakamaramara.baraduhemukiye abo bahemu.

  • Uwiyase N’Imana Iramuheba.Uko Ntah Bitaniy N’ukwiyahura.

  • ntawaje murabesha !!!!

  • Ewe,mutama.Ntibantunganya,birababaje,kuba,ufise,imyaka,nkiyo,bakaguhenda,abo,bana,wavyaye.Ndagusavye,ubatahane,mwubake,igihugu,canyu.Waribagiye,kudeta,bagukubise,m1995?Nawe,ukabashigikiramuri,kudeta?Emwe,inda,ndende,ihumira,indya,ikica,akokize!!

  • Naze Arisanze.Araba Aje Kwifatanya Nabandi Kwubaka Igihugu,ntabaje Kugisambura.Imana Imuhezagre

  • nguyo baryababo avuye kudandaza abarundi bumutima mubazungu none aragarutse hama atangure kwubaka amaetaje kumahera yamaraso yabenewabo, naje kwíradiyo yigihugu asabe ímbabazi kuko yarahemukiye abarundi bumutima. turasavye inzego ziperereza kumukwirikiranira hafi wosanga arimwo tubiri kuko imigambi yabahurikiye muri cenared simyiza kubarundi nawe akaba abarizwa muri cenared, iconzicoco ntaco bazoshikako kuko akarere karapanze neza nahobazòmera ntibehende kirimwabagabo......

  • ICIBWA YANSE BARAMANIKA URETSE KWIHENDA UBONA UBURU BUTARUKO WABUSIZE MUZOKWAMA MUMUSABA IVYAKA 1OO MPAKA NONE MUJAHE ABARUNDI TUZOKWAMA TWAUCHIZEHO GUMAHAMWE

  • Jewe nosigura ivyashikiye nyakubahwa Ntibantunganya mfatiye kuvyo yize vya kahise, muriwe ubwoba yagize bamwiciyeko abo bagendanye muvya politike, n’umugore wiwe,bakamutera amazirantoke yitwa prezida,bakamukura nkuwirukana umukozi wo munzu arabatinya, ariko nomuhumuriza vyarahindutse mutama, ubu basigaye ari rwa ruyuki rwataye iboyi.

  • NIBAZE MUBURUNDI NI NYABAGENDWA NONE NTIYABONYE KO YARI YAHUNZE UBUSA!

  • Nonekoyagarutse Azikovyaheze.???Emwe Ivyuburundi Biragoye???!

  • nibagaruke kukontawariyarabirukanye.kandimpungurwaha yakimajij amaguru kandingo amaz arashuha ntiyibagir ibumbeho.

  • NA BASIGAYE NIBAZE BASABE IKIGONGWE ABARUNDI NIMANA NAPREZIDA WACU AFISE IKIGONGWE AZO BAKIRA

  • Nn Ivyarivyatumy Agenda Vyahez.

  • Abarundi,dusenyerara Kumugozi.Umwe Arabe.Atazenye.Amacakubiri Kuko caratuvunye

  • Natahe Guko Umugore subiye Kumugabo Ntibamuseka .

  • Erega umurundi wese yahunze ahenzwe nababiligi na Kagame atashe arisanga mugihe atazanye akarwanisho.
    Gusa igitigiri nabakoze amanidufise ubutungane burakirindiriye maze baburane batsindwe canke bambikwe izera.
    Muburundi uwukoresha akarimi turamureka, ariko akoresheje akarimi akagerekako ikirwanisho cokwica abarundi uwoturiruka nawe mpaka nibirenge bikamushuhana.

  • Mze karibu vyari bibabaje ingene wabaye mubuhungiro ukiri jeune (mu Rwanda) ubu uri umunyacubahiro senteur a vie akaba ariho wari uhiye guhereza imyaka yo kubaho kwawe mu buhungiro.

  • Mze karibu vyari bibabaje ingene wabaye mubuhungiro ukiri jeune (mu Rwanda) ubu uri umunyacubahiro senteur a vie akaba ariho wari uhiye guhereza imyaka yo kubaho kwawe mu buhungiro.

  • Erega uwo yaramenyereye guterwa amazirantoke burya niyo akumbuye muga burya ngira yibutse ko yayatewe azira aba dd Bari bahejeje gutikiza inganda ibugenda niko guhitamwo gutaha burya yibazako ico nibacibuka bazo mugirira ikigongwe

  • Ni Vyiza Cane Ndamushimiye Kuko Yavyifashemwo Rugabo Kanatsinda Ni Sebarundi Inararibonye Azi Vyinshi Ku Burund .Nabandi Nabo Nyene Ni Batahe Twubake Igihugu Cacu .Mwibuke Wa Mwana Wicangazi Yirimbuye Agataha Yakiriwe Neza Agarutse.

  • None,yarazanye,umugore,nabana,canke,yaje,gusuma,urusaku?Muratubwire,abohiyo,iBujumbura.nacanecane,igendereza.

  • Abarundi nimuhaguruke twubake igihugu iyonitegerejensanga abimitweyashuhanyebandika ntacubakakirimwo nugucokoranogutukanantanyungunambabavyungukamwo atarukuzurakabojeatarukuzurakaboje, None gayemwe sylivestre kubayagarutsebirabangamiyabantu yatahungambonumengayopfuye hishwe intwarizikoyeniweboretse, akarorero ADORFE uwoharaniragatekakazinamuntu abapfirahobokiriye abapfirahobokiriye uwivye afungwa imyaka(5)uwoninyarucari uwobarikumwe u(1)womenya bivakuki, mujemutubabarira Abarunditwarushe nivyiyumvirovyabamwebamwbitagira icobimazevugikintunkuwugobagukiza ubuzimabwakiramuntu umwansi agwanya igihugu cacu ninde uwutema ugwiwebamutiza umuhoro ukutwimarirako abacunikotuzomarwanatwe, uwicisha, inkota nawenuko kandi twesentawizosimba, tuzopfa, none twiruhitizikitwiruhitiziki, kwatamyaka igihumbitizomara nabonye aboroshenabahambayebacirwa ububasha,uburundi ntabuhanuzitwumvirije, haranirakuvugukuri, murekebitagira intumbero

  • NAZE MUKORERE IGIHUGU CACU KAGAME NABO BABIRIGI BARI BMUHENZE

  • Hahaha!!Agarukanywe Niki Se Mama?Aho Ntaco Yob Yatumw Nababiligi?Uko Mwagiy Nik Muzogaruka Ntawubahamagaye

  • Mbega mwajanywe nik mugahunga amahor? ibwa ihunz amahezo nimunzu!!

  • SIRIVSI NDAMUSHIMIYE GUTAHA MUGIHUGU CAMWIBARUTSE NAMBA AZANYWE NOGUFADIKANYA NABARUNDI BUMUTIMA KWUBAKA UBURUNDI NTAWOTERA AGATUGU UMUVYEYIYAMWIBARUTSE NGO ARORANIGWE KANDI UMUVYEYI AKIMUKENEYE HAMAGARA NABANDIBAZE UBURUNDI BURABAKENEYE MUBURUNDI NAMAHORO...

  • Urukwavu Iyo Rusubiy Mukibund Rub Rupfuy.Mbe Yibaz Ko Nkurunziz Azomugirir Ikigongw Ngo Aragaruts?Nzob Ndaraba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.