IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tuniziya : Umushikiranganji w’amagara y’abantu yitavye Imana inyuma yo (...)

Tuniziya : Umushikiranganji w’amagara y’abantu yitavye Imana inyuma yo kwiruka imetero 5000

lundi 9 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bw’igihugu ca Tuniziya bwashikirije ko Slim Chaker yafashwe bukwi na bukwi ahejeje kwiruka mu nyuma aza gupfira kuri uwu wa mbere mu bitaro vy’abasirikare.

Ihiganwa ryo gusiganwa ryatunganirije ahitwa Nabeul ku munsi w’Imana uheze mu ntumbero yo kwegeranya amafaranga yo kubaka ibitaro bizovurirwamwo abana bagwaye ingwara ya "Cancer".

JPEG - 262.2 ko
Umushikiranganji Slim Chaker yari mu biruka imetero 5000

Tubibutse ko Slim Chaker yitavye Imana afise imyaka 56, umwanya munini akaba yaranguriye imirimo yiwe mu bijanye n’amabanke yongera arakorera ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, hamwe n’ubw’urwaruka kuva mu mwaka wa 2011, akaba yari amaze ikiringo c’ukwezi 1 agenywe mu mabanga yo kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu.

JPEG - 38.8 ko
Umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu ca Tuniziya, Slim Chaker yitavye Imana inyuma yaho yirutse kuri uwu w’Imana uheze imetero zingana 500 mw’ihiganwa ryo gusiganwa ryari ryateguwe kugira hegeranywe amafaranga azofasha kugwanya ingwara ya kanseri

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.