IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkia : Abashigikiye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa batsinze

Turkia : Abashigikiye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa batsinze

lundi 17 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe "The Republican People’s Party" wo muri Turkia, umwe muyitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Recep Tayyip Erdoğan, watangaje ko ugiye kurwanya wivuye inyuma, ivyavuye mu matora ya kamaramaka ku bijanye n’uguhindura ibwirizwa shingiro guha amahirwe uwo mukuru w’igihugu yo kuguma ku butegetsi gushika mu mwaka w’2029.

Iyavuye mu matora ya Kamarampaka vyatangajwe kuri uwu w’Imana, bikaba vyerekanye ko abagera ku bice 51.41 batoye ‘EGO”, abandi bagera ku bice 48.59 batora ‘OYA’.

Mw’ijambo umukuru w’igihugu Erdogan yashikirije abanyagihugu inyuma y’aho ivyavuye mu matora bitangarijwe, yasavye abantu bose kwubahiriza ivyavuye mu matora.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bariyamiriza ivyavuye muri ayo matora. Umukuru w’umugambwe "The Republican People’s Party", Erdal Aksunger yamenyesheje ko ayo matora yaranzwe n’ubusuma, asaba ko yosubirwamwo.

Abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bamenyesha ko mu bisagara bikuru bikuru nka Istanbul, Ankara na Izmir batoye ’OYA’, biyamiriza ko ibwirizwa shingiro rihindurwa.

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ivyo vyavuye mu matora yatanguye mu ntara ya Diyarbakir, abantu batatu bakaba aribo bamaze kuraswa.

Iyo ngingo y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro yavuzwe inyuma y’aho hateguriwe umugambi waburijwemwo wo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Recep Tayyip Erdoğan, mu mwaka w’2016.

Abatavuga rumwe n’uwo mukuru w’igihugu bamwagiriza ko ariko arondera kwiha ububasha bukomeye bw’ugufata ingingo zose azoba ashaka, atawe abanje kugisha inama.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.