Turquie : Abantu 39 baguye mu gitero cakozwe mu nzu y’ubutambiro

Yanditswe na IGIHE
Kuya 2 janvier 2017 saa 10:04
Yasomwe : 4698
0 0

Abantu 39 nibo bahitanywe n’igitero cabaye mu nzu y’ubutambiro Reina ku murwa mukuru w’igihugu ca Tirikiya Istanbul, mu gace ka Ortakoy.
Umushikiranganji ajejwe intwaro mu gihugu ca Tirikiya Suleyman Soylu yavuze ko muri abo bapfuye harimwo abanyamahanga bashika 15, bahitanywe n’igitero c’umugabo yitwaje inkoho.
Suleyman Soylu yavuze kandi ko igipolisi mu gihugu ca Tirikiya kibandanya kurondera uwo mwicanyi, nayo abakomeretse bakaba bariko bavurirwa mu bitaro ngaho nyene mu gisagara ca (...)

Abantu 39 nibo bahitanywe n’igitero cabaye mu nzu y’ubutambiro Reina ku murwa mukuru w’igihugu ca Tirikiya Istanbul, mu gace ka Ortakoy.

Umushikiranganji ajejwe intwaro mu gihugu ca Tirikiya Suleyman Soylu yavuze ko muri abo bapfuye harimwo abanyamahanga bashika 15, bahitanywe n’igitero c’umugabo yitwaje inkoho.

Suleyman Soylu yavuze kandi ko igipolisi mu gihugu ca Tirikiya kibandanya kurondera uwo mwicanyi, nayo abakomeretse bakaba bariko bavurirwa mu bitaro ngaho nyene mu gisagara ca Istanbul.

Ababonye uko ico gitero cakozwe, bavuga ko uwo mugabo yarasa adacaguye mu gihe abantu bari muri iyo nzu bagizwe ahanini n’ingenzi n’abatunzi bariko bahimbaza umwaka mushasha wa 2017.

Umukuru w’igihugu ca Tirikiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko ico gitero cari gifise intumbero yo kuzana akajagari mu gihugu.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha