"Twarushijwe uburambe n’inguvu" - Daniella NIMENYA

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 21 November 2017 saa 04:28
Yasomwe : 8325
0 0

Inyuma y’aho Intamba Mu rugamba z’abigeme batarenza imyaka mirongo ibiri batsinzwe n’umugwi wa Banyana Banyana wa Afrika y’Epfo ibitsindo 5-0 mu rukino rwo gusubiriza, umumenyereza yashikirije ko barushijwe uburambe n’inguvu.

Umumenyereza Daniella Nimenya avuga ko abakinyi bahuye ataribo bari bakiniye kuri stade Prince Louis Rwagasore i Bujumbura.

Yavuze ati : ’’Baraturushije ukumenyera inkino, bafise uburambe bunini mu rukino rw’umupira w’amaguru. Abenshi basanzwe bakinira umugwi nserukira gihugu w’abakuze.’’

Yavuze kandi ko abakinyi b’abarundikazi bakiri bato kandi ko batarakomera ngo baje ku rwego rwo hejuru.

JPEG - 29.8 kb
Daniella NIMENYA,umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abigeme

Daniella Nimenya asaba ababijejwe kubafata mu mugongo na cane cane mu kugwiza inkino nyinshi za kivandimwe n’ibindi bihugu kugira ngo umugwi w’intamba mu rugamba uje ku rugero mpuzamakungu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha