UEFA : Uko imirwi izohura mu gice ca kane gishira ica nyuma vyamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 mars 2018 saa 01:59
10425
0 0

Imirwi umunani izokina igice ca kimwe ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya, yamenye uko izohura.

Inyuma y’igikorwa co gutora uko izohura cabereye mu gisagara ca Nyon, mu gihugu c’Ubuswise,ku cicaro gikuru ca UEFA, imirwi yatoye ko izohura uku , mu nkino zine zitegekanijwe :

Barça-AS Rome,
FC Séville-Bayern Munich,
Juventus Turin-Real Madrid,
Liverpool-Manchester City

Bitegekanijwe ko inkino zo gutangura zizoba kw’igenekerezo rya 3 na 4 Ndamukiza 2018, mu gihe izo gusubiriza zizoba kw’igenekerezo rya 10 na 11 Ndamukiza 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha