IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Abana barenga 2000 baramaze gutandukana n’abavyeyi babo

USA : Abana barenga 2000 baramaze gutandukana n’abavyeyi babo

dimanche 17 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko bivuye kw’itunganywa ey’intwaro rya Donal Trump, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yo gutuza abimukira binjira bava mu gihugu ca Mexique, abantu bakuze bapfungwa abana na bo bari kumwe bagaca bababaka.

Ayo makuru amenyesha ko ico kibazo kiriko kiratera uruhagarara mu gutunganya intwaro ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

umushikirizamanza mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeff Sessions, yishimikije Bibiliya, yavuze ko atazokwihanganira abinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ata ruhusha.

N’ukuvuga ko abinjira muri Amerika ata ruhusha bategerezwa gucibwa urubanza, bikaba bije guhindura politike y’igihe kirekire aho abinjiye muri ico gihugu ubwa mbere bagirizwa icaha gito.

Mu gihe abakuze bagirizwa icaha bakanapfungwa, abana bari kumwe baca bababaka bagaca bashirwa mu mugwi w’abatagira abo bari kumwe.

Ibiharuro vy’intwaro yo hagati mu gihugu vyerekana ko abana 1995 batandukanijwe n’abakuze 1940, bapfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa kane n’itariki 31 z’ukwa gatanu 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.