Ubutumwa umukuru w’igihugu wa Amerika Donald Trump yacishije ku rubuga rwiwe rwa twitter yamenyesheje ko ashaka kumenya y’uko abatwaye imbere yiwe aribo batanze itegeko kugira ivyo bikorwe.
Bivugwako ikigo kijejwe igendereza rya Amerika FBI cari gifise abantu bagiha amakuru yabereye mu makoraniro n’amanama yakorwa na Donald Trump, mu gihe c’imyiyamamazo mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Mu mpera z’indwi iheze ,Donald Trump yamenyesheje ko ikigo FBI carungika abantu babasumira urusaku mu murwi warujejwe ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza kandi vyakorwa ku nyungu za poritike.
Ayo matohoza agiyeho, mu gihe hasanzwe hari irindi tohoza rimaze umwanya ririko rikorwa na Robert Mueller rijanye no gutohoza nimba igihugu c’Ubursiya ata ruhara cagize mu matora yo mu mwaka wa 2016 aho uwaserukiye umugambwe w’Abademokarate Hillary Clinton yatsinzwe.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Indoneziya: Abantu 832 bahitanywe n’ikinyamugigima
1.10.2018 |
![]() Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cagabishije igihugu ca Iran
26.09.2018 |
![]() USA:Umunyamabanga wa Reta avuga ko biteguriye kunagura ibiganiro na Koreya ya Ruguru
20.09.2018 |
![]() Uburusiya:Vladimir Poutine yemeje ko abakekwa kuroga Sergei Skripal Atari abicanyi
12.09.2018 |
![]() Igihugu ca Amerika kivuga ko gishobora gufatira ibihano sentare mpuzamakungu mpanavyaha
11.09.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Mu makungu"... |