IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Reta igiye kugenzura amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi y’abinjira mu (...)

USA : Reta igiye kugenzura amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi y’abinjira mu gihugu

samedi 31 mars 2018

Ico ciyumviro cavuye mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, gitegekanya ko abashaka kwinjira mu gihugu, bazotanga amakuru yose kuri Facebook na Twitter zabo.

Ico ciyumviro kivuga kandi ko bazoza barasabwa kwerekana imyidondoro yabo, bakoresheje ku mbuga ngurukanabumenyi, n’imiburiburi mu myaka itanu iheze.

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko n’imiburiburi abantu baharurwa mu miliyoni 14.7 buri mwaka bazoshikirwa n’ingaruka zivuye kur’uwo mugambi, ufise intumbero yo kubungabunga umutekano w’igihugu.

Abasaba kugendera Reta Zunze Ubumwe za Amerikaviza bazosabwa kandi gutanga inomero za terefone, email n’amakuru y’ingendo bakoze mu myaka itanu iheze.

Biteganyijwe ko iyo ngingo yemezwa n’ibiro bijejwe amafaranga Reta ikoresha, hanyuma abanyagihugu bahabwe amezi abiri yo gutanga ivyiyumviro, imbere yo gutangura kuyubahiriza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.