Amerika : Sentare zanse kwemeza icipfuzo co kubuza abava mu bihugu vyaba Islam kwinjira mu gihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 juin 2017 saa 07:59
Yasomwe : 3384
0 0

Mu gihe ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bufise icipfuzo co gushiraho itegeko ribuza abava mu bihugu bimwe bimwe birimwo aba islam benshi kwinjira muri Amerika, amasentare atari make yo muri ico gihugu yanse kwemeza iyo ngingo.

Sentare isubiramwo imanza ya San Francisco yashigikiye ingingo yari yafashwe ubwa mbere yavuga ko abatoronswa uburenganzira bwo kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari abava mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo aba islamu.

Amakuru dukesha Iradiyo y’abongereza BBC amenyensha ko iyo sentare nyene yari yavuze ko Reta ifise uburenganzira bwo kugabanya ibitigiri vy’abinjira muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yaheruka kurungika ubutumwa bwa Twitter mu ntango z’uku kwezi kwa Ruheshi avuga ko yipfuza amategeko akaze kurusha ayo yashize muri ico cifuzo, kugirango igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kironke umutekano.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha