IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubucamanza bw’Uburundi bwarafashije gusubiza amafaranga arenga umuriyaridi (...)

Ubucamanza bw’Uburundi bwarafashije gusubiza amafaranga arenga umuriyaridi mu kigega ca Reta

lundi 25 Nyakanga 2017

Mu gihe kuwa gatanu igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017 hugururwa umwaka mushasha w’ubutungane wa 2017-2018, umukuru wa sentare ntahinyuzwa yamenyesheje ko amafaranga 1.056.550.774 ariyo yagarutse mu kigega ca Reta kubera igikorwa c’ubutungane.

Sylvestre MPAWENAYO yavuze ko ukurwanya igiturire mu rwego rw’ubutungane wabaye umwitwarariko w’ubucamanza, bica bituma abacamanza bafasha mu kurwanya ubudandaji butemewe n’amategeko na cane cane mu ntara ya Kayanza.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa ntiyibagiye gusaba abacamanza gushiramwo umwete n’ubwira kugira umwimbu mu mwaka w’ubutungane wa 2017-2018 uzobe mwiza kurushiriza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.