IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Mamadou Gassama yashimiwe n’umukuru w’igisagara ca (...)

Ubufaransa : Mamadou Gassama yashimiwe n’umukuru w’igisagara ca Paris

mercredi 6 juin 2018

Amakuru urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, igisata c’igifaransa, amenyesha ko, Mamadou Gassama yahawe ako gashimwe kuwa mbere, igenekerezo rya 4 Ruheshi 2014, n’umukuru w’igisagara ca Paris, Anne Hidalgo.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko hejuru yo guhabwa uwo mudari, Mamadou Gassama, yabonanye n’umukuru w’akarere ka Seine-Saint-Denis kari mu gisagara ca Paris, kugira amufashe mu nzira yo kuronka ubwenegihugu bw’ubufaransa.

Mamoudou Gassama yabwiye abamenyeshamakuru ko anezerewe cane kuko ubuzima bwiwe bwahindutse, aho abantu basigaye bafata amasanamu bari kumwe nawe bamwita intwari, ariko avuga ko kubwiwe ari ibisanzwe, kuko ivyo yakoze n’abandi bobikora.

Ukumenyekana kwa Mamoudou Gassama kwatanguye kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2018, igihe yakiza umwana akamukura ku nzu y’igorofa igira kane, aho yagomba akorokere hasi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.