IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugambwe wa Emmanuel Macron waronse intebe nyinshi mu nama (...)

Umugambwe wa Emmanuel Macron waronse intebe nyinshi mu nama nshingamateka

lundi 19 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyavuye mu matora vyerekana ko umugambwe "La Republique en marche" wa Emmanuel Macron waronse intebe zishika ku 300 ku ntebe 577 zisanzwe zitegekanijwe mu nama nshingamateka y’igihugu c’Ubufaransa.

Ivyo vyavuye mu matora bizotuma imigambwe yahora ibonwa nka mikuru aho mu gihugu c’Ubufaransa ija ku ruhande, gutyo bigaha inguvu nyinshi Emmanuel Macron kwiganza mu nama nshingamateka hamwe no gushira mu ngiro imigambi yiwe yiyemeje, na cane cane kunagura umuryango w’ibihugu vya Buraya.

Umunyarwanda afise ubwenegihugu bw’Urwanda ari mu bashingamateka b’Ubufaransa batowe

Bamwe mu batowe muri abo bashingamateka harimwo abafaransa baturuka mu bindi bihugu aha twovuga, nk’umunyagwanda Hervé Berville yatowe ku majwi 64 kw’ijana mu gace ka Dinar mu buraruko bushira uburengero bw’Ubufaransa.

JPEG - 218.7 ko
Hervé Berville mw’imyaka 27 yatowe ku majwi 64 kw’ijana

Abakurikiranye ivy’ayo matora bavuga ariko ko abitavye ayo matora agira kabiri bashika ku bice 42 kw’ijana ari bake ugereranije n’abayitavye mu myaka 5 iheze, bikavugwa ko abatavuga rumwe na Emmanuel Macron batitabiriye ayo matora.

Tubamenyeshe ko umugambwe wa Emmauel Macron umaze umwaka umwe ushinzwe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.