IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Uwahoze ari umukuru w’igihugu Nicolas Sarkozy arapfunzwe (...)

Ubufaransa : Uwahoze ari umukuru w’igihugu Nicolas Sarkozy arapfunzwe ic’amaso

mardi 20 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Nicolas Sarkozy, yahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufarasa ari mu minwe y’igiporisi ku mvo z’amatohoza yogukoresha amahera avuye mu gihugu ca Libiya yiyamamarijeko mu matora yo muri 2007, kandi binyuranye n’amategeko agenga igihugu c’Ubufarasa

Mu mwaka wa 2013, Ubufaransa bwaratanguje amatohoza ku birego bivuga ko yahawe na Kadhafi amahera yo kwiyamamaza bidaciye mu mategeko mu mwaka wa 2007, ariko uwahoze ari umukuru w’igihugu Sarkozy yavuze ko ata kibi yakoze.

Ibirego Nicolas Sarkozy yagirizwa, vyavuye ku murwizatunga w’umufaransa afise amamuko muri Libani, Ziad Takieddine, hamwe na bamwe mu bari ku butegetsi bwa Kadhafi.

Nicolas Sarkozy, yaragomvye kwitoza kurongora igihugu c’Ubufaransa ariko atsindwa na François Hollande.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.