Ubuganda: Ingo z’abashingamateka batavugarumwe na Reta zatewe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 3 Gitugutu 2017 saa 03:22
Yasomwe : 12006
0 0

Inzu z’abashingamateka babiri batavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Uganda zatewe n’ibivugwa ko vyoba ari ibisasu ntezwantoke .

Amakuru atangwa na kimwe mu kinyamakuru caho mu Buganda amenyesha ko abatewe ari umuririmvyi Robert Kyagulanyi azwi kw’izina rya Bobi Wine yatowe mu karere ka Kyaddondo mu burengero bw’Uganda hamwe na Allan Ssewanya yatowe i Makindye mu burengero.

Abajejwe umutekano bariko barakora amatohoza kugira bamenye abantu bari inyuma y’ivyo bitero ku mihana yabo bashingamateka.

Umushingamateka Bobi Wine yamenyesheje ko ata muntu n’umwe yakomereketse ku rugo rwiwe ariko akavuga ko yama aterwa ubwoba ko azokwakwa ubuzima.

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru New Vision amenyesha ko ingo zakozweko ibitero ari iza bamwe mu bashingamateka birukanywe mu nama nshingamateka igihe hari amatati afatiye ku ngingo yo gufuta imyaka ntarengwa k’uwushaka kwitoza kuba umukuru w’igihugu.

Tubibutse ko haciye indwi imwe habaye igitero ku rugo rw’umushingamateka Moses Kasibante wo mu karere ka Rubaga gaherereye mu buraruko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha