IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Uwagirizwa urupfu rwa Mowzey Radio yarengutse imbere (...)

Ubuganda : Uwagirizwa urupfu rwa Mowzey Radio yarengutse imbere y’ubutungane

mercredi 7 février 2018

Godfrey Wamala afatwa nk’uwa mbere mu bakurikiranwa k’urupfu rwa Mowzey Radio yashikanywe imbere y’ubutungane mu gace ka Entebbe aho apfungiwe kugira ngo amenyeshwe ivyaha akurikiranwako.

Uwo mugabo azwi cane kw’izina rya Troy ni we avugwa cane ko yakubise Moses Sekibogo azwi kw ‘izina rya Mowzey Radio bikamuviramwo kuja muri coma mu nyuma akitaba Imana.

Producer Washington yari kumwe na Radio ico gihe yavuze ati :“Igihe twasohoka mu bunywero tugomba dushike hanze, wa musore muremure Troy asohoka adukurikiye avuga cane ngo ‘mwasuzuguye nyene ubunywero’. Yaciye aterura Radio amuta hasi. Naciye numva umutwe wa Radio wikubise hasi. Numvise umutwe wiwe umeze nk’uwumenetse. Ica mbere niyumviriye ni uguterura Mowzey.”

Mu gitondo co kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018 niho Wamala Troy yashikanwe muri sentare ari kumwe n’umushingwamanza wiwe.

Ikinyamakuru Chimpreports cavuze ko kuri sentare hari abakunzi b’umuririmvyi Radio bashaka kuraba uwamwishe.

Igiporisi co mu gisagara ca Kampala cafashe Wamala kuw’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018. Uwo mugabo bikekwa ko ariwe yishe Radio,yafatiwe mu rugo rw’incuti yiwe ahitwa Kyengera aho yari amaze iminsi yinyegeje.

Mowzey Radio yitavye Imana ku wa kane, igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, aca ashingurwa kuwa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2018, i Nakawuku muri Wakiso aho asanzwe avuka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.