Uburundi bubandanya kuvuga ko butemera itorwa rya Martin NGOGA wo mu Rwanda

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 11 Ndamukiza 2018 saa 09:22
15765
0 0

Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko bumenyesha ko gushika n’ubu igihugu c’Uburundi kitemera itorwa ry’umukuru w’inama nshingamateka y’uwo muryango Martin NGOGA, naho abashingamateka b’Uburundi bahora bitaba inama n’ibikorwa vy’uwo muryango.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganni bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirirka y’Ubuseruko, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko abashingamateka b’Uburundi bitaba inama z’uwo muryango kuko batipfuza ko ibikorwa bihagarara.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko n’ubu bakirindiriye ibizova muri sentare ya Afrika y’Ubuseruko ku bijanye n’urubanza bayishikirije rujanye n’uko batemera itorwa rya Martin NGOGA.

JPEG - 110.6 ko
Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko

Isabelle NDAHAYO yashikriije ko ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko mu mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018, hariho itunganywa ry’inganda zo guhahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko hamwe no kwishikira ku kivi mu ntumbero yo kwibonera imbonankubone ingene ibikorwa vy’ikigo mpuzamipaka rusangi c’i Kobero i Muyinga biriko biragenda.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji muri aya mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018 ni gukurikiranira hafi ibijanye no guteza imbere hamwe no gushira mu ngiro amategeko agenga umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko.


Kumenyekanisha

1
lg 11-04-2018 à 21:28

UMUNWA WO WARABARENZE MBEGA MUZI KO NTA NIFARANGA LIMWE RYAMARUNDI, MUTANGA MULI UWO MURYANGO! !!!!BIVUGA KO NTA NIJAMBO MUFITE MO! !!!ALIKO AMAGAMBO YARABARENZE KUKO NTAKINDI MUSHOBOYE*

2
kigabo jean marie 11-04-2018 à 16:31

uwo mushikarangaji avuze ngw’iki ? ngo ntimwera itorwa rya Martin Ngoga kuko ari umunyarwanda ahubwo ndabahanura muze muve muri iyo nama nshingamateka kuko itegekwa n’umunyarwanda, muze kandi muve no mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’afurika kuko rirongowe n’umunyarwanda nyene icubahiro Paul Kagame. Ariko abategetsi bi Burundi mwabuze aho mufatwa nk’umwana uhiye mu kwaha. ( ndabasabe mureke iciyumviro canje kirengane kuko ntawe ndengeye akarimbi murakoze )

3
Emile SINZUMUSI 11-04-2018 à 09:59

Ubwo Bushikiranganji buguma bwitwa ngo bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko kandi Uburundi bumaze imyaka hafi 11 bwinjiye muri uwo muryango?

Mukwiye kubwita "Ubushikiranganyi bujejwe ibikorwa vy’umuryango wa Afrka y’Ubuseruko"

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha