IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahagaritse imigenderanire n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka (...)

Uburundi bwahagaritse imigenderanire n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu

mardi 11 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’uguhagarika imigenderanire hamwe n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rw’ico gisata ca ONU, mu cegeranyo giheruka gusohka ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma.

Reta y’Uburundi ikamenyesha ko iyo migenderanire n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bihagaze, gushika hamenyeshejwe iyindi ngingo nshasha.

Tububitse ko abategetsi batandukanye b’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe n’abantu isinzi bavuga ko ari abo mu mashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike, bagize imyiyerekano kuri uwu wa gatandatu imbere y’ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Abari muri iyo myiyerekano bari basavye ko ico gisata cofutwa mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • BATERA IGERE RYANYUMA HIHIHIHIIIIIIIIIIIIIIIIIIIIII NDABATWENZE HARI UMUKUNGU YAKUNDA GUCA UMUGANI NGO. UWUZOWUCANA BAZOWUMUZIMIRIZAKO HAHAHAHAAAAAAAACNDD=FDD YARAWUCANYE NONE IGIRA IWOTE NIBATAWUBAZIMIRIZAKO.

  • Murapfa murahwera mwankozi zibibimwe nagira sabe ONU kuhagabira ntakindi abo bicanyi bashaka atari ukubandanya bagandagura abantu atacamira arico gituma ONU yogira vuba ikarungika inteko mvamakungu zoza gutabara abarundi nukwirukana akokarwi kabicanyi katufatiye amaboko imugongo mumaguru masha

  • nimukomere rega twaritwarabatebej iyo bagenda bakubiswe kuk ntaco bari batumariye

  • IVYO MUKORA NIVYO MUVUGA IMANA BIRAYISESEMA. NONE NAYO YABACURITSE UBWENGE KUKO MUTACIYUMVIRA NEZA!!!!!!!!!!!!! NIMWIHANE MUTARARIMBUKA.

  • noneho abarundi barasaze umenya bari busigare nkakarwa kari hagati mu nyanja . ngo birukanye onu ubwo se barunva biri bubahire ra

  • Hahahahahahahahahahahahahahaha, basha, ni seul contre tous.

  • Hhaahh kwaheli CNDD FDD,none ko mperuka Abarundi mubafata mukabajana mw’igendereza none n’abo bazungu ba ONU murabajana mw’igendereza?

  • @budigoma
    Ahubwo nawe ubwonko bwarayaze kuba uvuga ayamuhe nkayo!

  • Jewe simbona aho nohera naho nohereza ubwanwa bwapfutse umunwa aba bantu bafata ingingo bamaze guta umutwe ni babatabare babatware i ndera nahandi ndababwiye n’ibindi muracabibona na bado

  • ONU yagiyehe ga?nibarungike abasirikare bagwanye iyo leta bashingizindinzego mfatakibanza,zizateguramatora.hama uburundi buronkamahoro nyakuri.

  • ico twohanura reta yacu dipromasi siheza tuyisabe ihindure imikenyuro urabona ko abakeba bariko bishima kuberimigenderanire namakungu itera itituka kandi oposition ntahandi isigaranye dipromasi mutayigarukiye tuzokwinjira mubukene butagirizina nayandi mabi reta yacu turabakunda mugabo murabe neza kuko abakeba umkenyuro bagezeko nuko uburundi bwokurwa muri onu hanyuma hagaca haboneka uburyo barungika zangabo kungufu murabe neza mwumvikane na onu icokorw kugira abanyaghugu ntiuzorwe mungorane vi

  • batangatange kuko barasara,amahoro muburundi ni menshi,uwayabuze ninde?,kw’isi yose abantu barakora arik harigih ubura ico ushaka kand ugifise canke ufis amikoro,yezukrisu mfasha twumvishe izontagondwa zemere amen!

  • batangatange kuko barasara,amahoro muburundi ni menshi,uwayabuze ninde?,kw’isi yose abantu barakora arik harigih ubura ico ushaka kand ugifise canke ufis amikoro,yezukrisu mfasha twumvishe izontagondwa zemere amen!

  • Ndashimye gose iyinhingo yafashwe irahimbaye cane kandi murabona konabamwe baturirabantu babona kurunomwanya bariko bararirira abari babashihikiye muraziko bibazako uwushigikiwe nabakozi ba ONU koniyoyoba yakoze amabi angana gute ngontangorane, none rabangaha bariko baraboroga kubwishi biremesha bavugango kwaheri CNDD FDD !
    Murambabaje ahubworindira dufise vyishi vyokubahashirizahamwe nuwowese yabashigikiye kiretse uwuzokwerekanako yariyarihenze maze akemera akajakumurongo mwiza wokudasubira kwipfuriza uburundi nabarundi kubagirira inabi nubugambanyi kandi turamaze kubona abarundi nabanyamahanga bamaze guhinduka ubuturakorana neza.

  • Komera komera mukoze neza cane hanyuma mwirukane abadiplomate b’urwanda n’ubufarasa Abacu bariyo mubatahukane

  • @tari

    Umenga ariko uri sinduhije indongozi y aba sans echec bacumita imigano n ibiti mu myanda y irondoka y abakenyezi, bakanarisha amazirantoke abahumure bagakerera urwaruka, mwebwe muvuga ayamuha ngaha, mwarigeze mwumva imbonerakure yaturiye imiduga y abanyagihugu, canke yateye grenade abanyagihugu mu ma bara n amasoko, canke yimbye anabarabara canke yaturiye amapine, canke yaturiye abanyagihugu nkuko mwabikora, IGIHE mwatera amakambi mugatera ama grenade abanyagihugu mugakerera abanyagihugu n aba police ibiziga mugata mu Barbara, mugatera kayanza na cibitoke rugombo na bururi na karusi mwica abanyagihugu mwiyumvirako bizabagwa amahoro? Nandi mabi mwakora murasa intwazangabo zikomeye , mwuca ba Adolf na bikomagu na ba kararuza naba ikurakure NGO avanyagihugu bacanemo USA, UE, bahurure NGO baje guheza genocide bace bitwarira nickel nubundi Butare bw abarundi bwaguzwe na RUSSIE na CHINA bo baranga amahera batagomba ivya gusa mu gusesa amaraso nka USA na UE bafashijwe naba ba rongozi bibihugu by ibibanyi babaja babo batagirira ikigongwe n abo barongoye bahaze gusesa amaraso, ba nsumirinda, none izo ngirwa UN iyo rapport zatanze ayo mabi ko zitayashizemo, zishize hanze zerekanye iyo ingorane z abarundi ziva ko zibifusemo uruhara mu gukorana nizo USA na EU mu kwica abanyagihugu b abarundi nahandi kwisi NGO basahure itunga ryabo mu maraso, navavashigikiye ngaha bica vyerekanako niyo hapfa abarundi Bose ariko bagashika Ku butegetsi bw agatsiko Tutsi ntaco bibavariye, Imana niyo nkuru yarabahinyuye

  • je mbona hageze kwiyegurira imana abazi gusenga mufashe mutama

  • Erega ntamuntu ugambanira u Rwanda ngo bimugwe amahoro,iyi ni message igenewe CNDD FDD

  • Cofutwa Gute Kandi Kijejwe Agateka Kazinamuntu? Ntidutahura Neza Ingene Cofutwa,

  • Mbazumutima , rekandagufashe ndakubwire igituma ryofutwa, bimeze nkakurya tworondera umukozi wokugukurikiranira kwabandibakozi batakwiba noneho ugasanga acayifatikanya nabo mukukwiba uworero nubwo ubumukeneye ntabwoba ugira bwokimwirukana.
    Nabo ntahobitaniye kuko wumvise kobajejwe agateka kazinamuntu wagiraguti ugasanga agateka kuwari umukuru wigihugu yariyakubiswe kudeta ntibibaneze, agateka kabapfuye baturiwe ntibibaneze, agateka kabatuririwe ivyabo ntibibaneze, ariko ugasanga baharanira agateka kabakubise kudeta nabaturiye abantu bakabangamira ibidukikije namatungo yabene gihugu ucubonako izinaryishirahamwe bakorera ntirihuye ntivyonanira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.