Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwasabwe kwemera ibiganiro na Sentare mpuzamakungu (...)
Uburundi bwasabwe kwemera ibiganiro na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
mardi 25 Gitugutu 2016, par
Uburundi hamwe n’ibindi bihugu bimaze kumenyesha ko vyikuye muri Sentare mpuzamkungu mpanavyaha, vyasabwe kwemera ibiganiro vyoshika ku mwumvikano w’ingene Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yokora ishimisha bose, utunenge twagirizwa iyo Sentare tugakosorwa.
Umukuru w’urunani rw’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yibutsa ibihugu vy’Uburundi na Afrika y’epfo biheruka kwikura muri iyo Sentare, ko ivyo vyasabwe bizomara umwaka wose, akavuga ico kiringo c’umwaka ariko karyo keza kuri ivyo bihugu, ko kwumviriza ivyipfuzo vy’ivyo bihugu, hamwe n’ivyatumye iyo ngingo ifatwa, ariko ivyo bihugu bigasabwa kwemera kuja mu biganiro na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Sidiki Kaba, umushikiranganji w’ubutungane bwa Sénégal, akaba kandi n’umukuru w’urunani rw’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ashikiriza ko ubutungane mpuzamakungu bukenewe cane, ivyo akabivuga yisunze ivyaha amenyesha ko bisigaye bikorwa abantu barorera.
- Sidiki Kaba, umushikiranganji w’ubutungane bwa Sénégal, akaba kandi n’umukuru w’urunani rw’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
Ibihugu vyamaze kumenyesha ko vyikuye muri iyo Sentare, hamwe n’ibitegekanya gufata iyo ngingo, bihamagarirwa guha amahirwe ibiganiro, kugira inama y’abakuru b’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho iyo Sentare itegekanijwe kuva kuwa 16 gushika kuwa 25 Munyonyo i La Haye, izokorere ku bizoba vyasabwe n’ivyo bihugu bizokwitaba ibiganiro.
Tubibutse ko mu matohoza 10 yatanguye gukorwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ayagera kw’icenda yerekeye ibihugu vyo muri Afrika. Sidiki Kaba asigura ko ayo matohoza yatangujwe ku busabe bw’ibihugu ubwavyo, akavuga ko iyo ibihugu vyose biba bihana ivyaha vyakozwe, Sentare mpuzamakungu mpanavyaha itaba ironka abayitura, ivyo bikaba vyoshoboka mu gihe ubungane bwo muri Afrika bwoba buhana ivyaha vyakozwe n’abanyafrika, muri Afrika nyene.
IGIHE
Messages
25 Gitugutu 2016, 13:14, par tari
Aho bimoneka ka Ari ukubisembereza ivyo bica vyerekana ko iyo sentare nayo igoyagoya kuko ntivumvikana ingene sentare irinda kugirana ibiganiro ninkozi zikibi kugirango izihane nimufate ingingo mukore akazi kanyu kuko nabicanyi barafata ingingo zo kwikingira ataco binona ahubwo jewe mbona ico mwibagiye iyo mwashiraho nigipolisi gishinzwe kuza kirabata m’umvuto iyo bari hose
25 Gitugutu 2016, 14:00, par roza kamikazi
mbega murinda mubasaba iki twebwe abapfakazi, impfuvyi, ababuze abacu kazima tuzi neza amazina yababatwaye kubica, kubahohotera nta muntu numwe yiciwe atazi uwamuhekuye mbega ntituzokwitwara twebwe nyene ko dufise ivyabona nayo abo bicanyi mubasaba iki ko ko aribo batwica.
25 Gitugutu 2016, 14:18, par ange
ntimwemere namba kuja mubiganiro nico gikoresho y’ububirigi.
25 Gitugutu 2016, 15:12, par Gahinjoë
Barabanza bafate abagomvye gutmbagaza ubutgtsi bazoheza bizegwe. Bacidegevya ntabiganiro bishoboka nibavyumve nuko bimz
25 Gitugutu 2016, 15:29, par Hutsi
Muziko nwijororyakeye naraye numvirije radio ivugirwako ururimirwi kinyarwanda iyo radio ikabayitwa RADIO ITAHUKA, nayikurikiranye nciyekuri SW (chort wave): 17870 KHZ harisamunani zishira sacenda zijoro kumasaha yahano Burundi, banavuzeko harikohararonderwa ubufasha bwokuzoshingurana itera u Mwami Kigeri aheruka gutanga.
25 Gitugutu 2016, 15:36, par Alain Nyabenda
Eeehhhh ngwiki? Ego mwishwanje!!!!!. Ngomushaka kugira ibiganiro nabaryamika abantu muri acide!!!! .Bakongera bakabatera ibishinge birimwo ubumara. Twarira mutamena.!!!!!!!.Uko kudahana nivyo bituma ces politiciens bama batwicira abacu tous les dix ans. Ahubwo nibatekere amashuka basangiye Bagabo iyari.
25 Gitugutu 2016, 15:48, par SIHONDI Levis
TABARIZA!!!!!! TABARIZA!!!!!!!! AMASHIRAHAMWE YAGATEKA KAZINA MUNTU YOSE, RUNGIKA ABANTU BANYU BAJE MURI RURAL KUMUSOZI WA KIYENZI NA GISOVU BABATOHOREZE KUNKURU ZUKUNTU NYABENDA PASCAL UMUKURU WINAMA NSHINGAMATEKA, ARIKO ASHINGA IKIROBERI CIMBONERAKURE ZO GUHONYA UWOWESE ATAVUGA RUMWE NA CNDD=FDD. IVYO ARIKO ABIKORA ABIFASHIJWEMWO NUMUKOZI WIWE WO MUNZU, AMAZINA YIWE AHINDAGURIKA BIVANYE NAHO AGEZE, HAMWE NGO YITWA FUHA ZACHARIE AHANDI NGO HUSSENE AHANDI NGO NIMWAMI NAYANDI NAYANDI. MWUMVISE KO HARI UMUNYESHURE YAGANDAGUWE NAKO KAGWI, NACANE CANE KO MUMEZI AHEZE UWO HUSSEN YADUGANYE IGIPOLISI KUJA KUGANDAGURA MWENE NYINA. IYO ABANYAGIHUGU BADAHAGURUKA IBARA RYARI KUGWA ARUSIMBA UKWO. UWO HUSSENE AVUKA MUGISOVU, AHARAYE HAGANDAGUWE UMUNYESHURE. MASHIRAHAMWE TABARA TABARA MUSEMERERE IBARA RITARAGGWA
25 Gitugutu 2016, 16:25, par Jean
Kuva Umuntu Atanguye Kuba Kwisi Icaha Caciye Kibaho Kandi Uwutemera Ubwami Buriko,butwara.Icogihe, Yaricwa Ryaritegeko Ntanumwe Yera Kuva Kubatanguye Gutwara Uburundi Mugucimanza, Nimuhere Kubatanguye Kurongora Uburundi
25 Gitugutu 2016, 18:27, par nkdn
nibemere ko amatohozwa azokorwa niyo sentare azohera 72 atari guhotera abatwaye ubu kandi turavye neza ibiriko biraba nubu bikora bamwe batwaye kuva kera niba koko iyo sentare ishaka gukorana nuburundi nireke guhengama yumviriza abakoroni nabo bakoranye kuva kera muguhekura barundi bitabayivyo nti ttzemera tuzemera mutumare kuko mwatumaze kera mbega iyo sentare yashiriweho abahutu kabatutsi bagizubwicanyi bdegevya mumahanga nta gihugu nakimwe ki dahana abagumutsi bivumbuye kubutegetsi niyo sentare niyemera kubafata tuzokorana nibi vyabaye nibo babikweze banza mudufatire sinduhije yatanguye imigumuko nibiringo bitarahera yivvugiye we nyene ko azohemuka asenye cndd ffdd turabizi yara bivuze f
25 Gitugutu 2016, 19:25, par Kirundo
Nashaka Ndababaze Kandi Muzonyishure Ko Mbona Abatuka Leta Ngo Ninyicanyi Ari Beshi.Mwebwe Mudushikiriza Amakuru Mwontohoreza Mukazombwira Leta Zagiye Ziratwarara Uburundi Zitishe Abantu Dukuyemwo Iya Rwagasore, Ndadaye na Domitien?Canke Hoba Hari Leta Muzi Kw’isi Ikingira Uwuyirwanya Ikamureka Agakora Ivyo Ashatse Mu Gihugu?
25 Gitugutu 2016, 20:53, par NIMPAGARITSE
niyumvirako nivyo bihugu vyojahamwe nibindi bikunga ubumwe
26 Gitugutu 2016, 01:30, par ukuri mu burundi
jewe numva iyo CPI nayo nyene yagize ubwoba kk mbona izosigara kwizina gusa ata gihugu na kimwe kiyisigayemwo !! None kugira umuntu aguhane vyakarorero murinda kwumvikana!!? ahubwo n’ubwoba ifise kubera batabona ingene bizogenda basigaye bonyene!!!, Mbega bobo ninde abacira urubanza mugihe barenganije abandi?!
26 Gitugutu 2016, 11:46, par kamaro
ntabiganirongaho irya ngingo yareta yokuvamwiryasentare nintabanduka,
26 Gitugutu 2016, 16:08, par Hutsi
Iyosentare mbona ikwiye kwandikira uburundi canke ikarungika intumwa muntumbero yogusaba ikigongwe, umvanamwe uburundi bwarateye induru hiryanohino buvugango’ igihigu nurwanda kiratubaniyenabi ivyobabikoze mumajambo nomunyandiko bandikira amakungu iyaba akagera nunomusimengo navyumvise nkijwi ryinyoni yomwishamba kuko inyone yintungano iyijwiye nyeneyo araheza akayiraba
26 Gitugutu 2016, 20:32, par Rumonge
Nkurunziz naber umuc afrik.iyosentar twarayihinyuy bagomb kutugira nkuko bish kadafi.africa nihumuk bamer nkankurunziz umuzung simwiza iyo umubony mugihugucaw ntaba azanyw nubusa nibo baduterany.mbe?reta itish muburund niyah?ya buyoy?ya domitien?bagaz?micomber?kuki nkurunziz?ngira nuko ari umuhutu
18 Nzero 2017, 14:37, par DESOS RUKOBA GIT CAP
IYO SENTARE NIVE KUBURUNDI NA AFRICA INDONGOZI NYINSHI ZARISHWE IZINDI ZIRANGAZWA NK,ABO MURI72,65,88,93 URAHANIGWA IZO NZIRAKARENGANE NINDE?BA KADAFI NA SADAM HUSSEN CPI KO ATACO IRAVUGA KUR,ABO BOSE MUGABO NGO LETA IRIHO UBU NGO NIRENGUTSWE KO YITAYEHO UMUNYAGIHUGU MUTO MUKWIGISHA ABANA KUBUNTU NO KUVUZA ABARI MUNSI Y,IMYAKA ITANU N,UMUGAMBI WO GUFASHA ABAVYEYI BIBARUKA CPI RERO IJE MURI SOMMARIE MURI SOUDANI N,AHANDI ATARI MUBURUNDI CPI KANDI IDUFATIRE ABABIRIGI BISHE BAGAHONYA INDA Y,ABAMI NA RWAGASORE INCUNGU Y’UKWIKUKIRA IVYO BABIKOZE DUCE DUTANGURA IBIGANIRO
18 Ruhuhuma 2017, 05:59, par BIRIYE
NONE IYOSENTARE KWEDACI RA URUBANZA BUYOYA