IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwaserukiwe mu nkino zihuza amanama nshingamateka y’ibihugu vya (...)

Uburundi bwaserukiwe mu nkino zihuza amanama nshingamateka y’ibihugu vya EAC

mardi 5 décembre 2017

Mu rukino rwa mbere rwabaye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017, umurwi w’Inama Nshingamateka y’Uburundi yatsinzwe n’umurwi w’Inama Nshinganmateka ya Tanzaniya ibitsindo bitatu ku bitsindo bibiri.

Urukino rugira kabiri rutegekanijwe kuba ku muhingamo wo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Kigarama 2017, umurwi waserukiye Uburundi uza gukina n’umurwi wa Kenya, azoba ari isaha icenda mu masaha y’i Dar Es Salaam, n’ukuvuga isaha umunani zo mu Burundi.

Naho ku nkino zari zitegekanijwe Uburundi bwari guserukirwa n’imirwi ibiri,uwukina umupira w’amaguru n’uwukina Netball, amakuru ava mu baserukiye Uburundi amenyesha ko umurwi ukina urukino rwa Netball batitavye ihiganwa.

Izo nkino zatanguye kw’igenekerezo rya mbere Kigarama, zizorangira kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.