IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwaserukiwe na Joseph BUTORE mu nama ya COMESA

Uburundi bwaserukiwe na Joseph BUTORE mu nama ya COMESA

dimanche 16 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaserukiwe na Joseph BUTORE, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu nama y’ishirahamwe COMESA igira iya 19 y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta ahurikiye muri iryo shirahamwe. Iyo nama izobera muri Madagascar ifise icivugo : "ITERAMBERE RIRAMA N’UKURWIZA AMAHINGURIRO."

Joseph BUTORE yaserukiye Uburundi yafashe urugendo mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, akaba yamenyesheje igihe yari ku kibuga c’indege ca Bujumbura ko iyo nama yama iba uko umwaka utashe, akamenyesha ko kuri uwu wa kabiri ariho abakuru b’ibihugu bitavye iyo nama bazokorana.

Muri bikuru bikuru bizokwigirwa muri iyo nama, harimwo icegeranyo c’ivyaranguwe n’ishirahamwe COMESA (Common Market for Eastern and Southern Africa) mu mwaka w’2015, ibikorwa vyo mu mwiherero bizohuza abakuru b’ibihugu hamwe n’abaserukiye ama Reta, kwihweza icegeranyo kizoshikirizwa n’uwurongoye inama nshikiranganji mw’ishirahamwe rya COMESA.

Tubibutse ko mu rugendo yaherukamwo mu Burundi kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2016, Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA yabwiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko inama ikurikira iyi yitabwa na Joseph BUTORE, itegekanwa kubera i Bujumbura mu Burundi mu mwaka w’2017.


IGIHE

Messages

  • Mbega nkurunziza yarahahamutse yafashe iyubunyengero!!!none niwe president?canke yikoreye kudeta atabizii!!!!haaaaaaa

  • Intore irayarwa raba cnared wagir udusuk mubuja tutazopfa twikuyemwo kubera indandende zabampemuke ndamuke urahemuka bwaca ibigori bikera rero niharambe umubyeyi wacu Nyakubahwa Petero Nkurunziza umugaba mukuru wingabo imana imwongere ubwenge bwo gukenyera injabyi zabazungu murakoz.

  • nyakubahwa uzogire urugendorwiza natwe turonke amahinguriro yoguhingura umwimbu womuvyuburimyi kuko nanje ndumurimyi kandi ivyimburwa vyiburundi nikarite

  • BARAKURIKIZA ICOCIVUGO NICIZA

  • @mob

    Muratwenza na kagame muririmba ba CNARED yarungitse utanarongoye igisagara mu kwakira john Kerry ari mu gihugu ciwe, none ugira yurire indege muce mumugura nka havyalimana canke ntaryamira? Burya bahejeje gupfa waravye ivyakurikiye ari vyiza kubujyo uvyifuza? Nina urumurongozi was CNARED uzabaze inyishu abo ba USA naEU babakoloni babahenda bitura uwabakoreye NGO abashikane Ku gusahura itunga ryibihugu bibanyi nice nkuko bashizeko KAGAME bakamukoresha kubashikana Congo ningene bamuhindutse akaba yama abatuka anabifatira Ku gahanga? Ega ivyahise vyaraheze nta gusesa amaraso y abanyagihugu NGO uzashika kubu president, ikindi na wewe ugira abana urungika kuguserukira canke kukugurira imivinyo nkanswe president, muratwengeje

  • Nkurumbi azaofira kwizina NGO ni president wigihugu anyegeye mandat yiwe izahera akiri mukinyegero umengo inama zose za bakuru bigihugu azama azirebera keimbonesha kuri Ka jewe pole nkurunzibo

  • none uwombona yifashe kwitama arimumbavu umugoreyaraye atamugaburiye? cankenibutore yamaramajwe nibibera iburundi !!

  • Ariko jewe abo bagabo bo muriyo reta yicaduka na bicanyi barantangaza bikuye kumakungu none namazi aba atarakama kubirenge ukumva bafashe amadege birutse mubo birirwa baratuka none muba mujujuta mujahe sinzi uwiciriye umugani Ngo bayinena agatumba........hanyuma uwuvuga ko nanditse ivyiyumviro bitarivyo ndamushimiye ko atigeze ahakanako arabicanyi kandi ko nabagiye kwiyamiriza manda 3 itemewe na mategeko barashwe mugabo abariko barashigikira ubwicanyi bo barakingirwa

  • Komera batama henda mwemeze abatadushakira ama horo biribwa natabweja ngo muburundi biracika na shwi

  • Twarabahinyuye Iyo Bumenyemw Bwar,ikindi.Mwamurondeye Mwamubuze.Umuvyiyi Mwiz,aguma Mubana.Igumanire Natw Mutama

  • Tari, amakungu arikwishi, na EAC namakungu, na AU namakungu na COMESA namakungu, Tanzania namakungu, na Congo namakungu, ONU namakungu, ikintucose gituma ugishikira ubanje kurenga umupaka wigihugu cawe ubugiye mumakungu.
    Ufise igihugu kikakubaniranabi uragitangariza kugihevye ariko urakomeza ugakorana nibindibihugu vyemera kukubanira neza.
    Ndatangaye kose numvise uvuzengo uburundi bwarasezeye gukorana nabandibantu ! Ariko ntibitangaje ntakuntu mwonanirwa gutahura ukwibwirizwashingiro ryigihugu rivuga ngomuheze mutahure ibindi.

  • iraryiry agahutu remy ngombandakwibutse ko kumirakurushato kwinyondwe kutayibuza kwibagwa:

  • None Nkurunziza,kurir’indege-kuriwebisigaye Arikizira?Ha! Ntacomvuze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.