IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Uwutavuga rumwe na Reta yimwe uburenganzira bwo (...)

Uburusiya : Uwutavuga rumwe na Reta yimwe uburenganzira bwo kwitoza

mardi 26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugwi w’igihugu ujejwe amatora muri ico gihugu washikirije ko Alexei Navalny adashobora guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu kuko yagirizwa amakosa yo kwiba amafaranga y’igihugu.

Uwo atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya yahamagariye abanywanyi biwe kutemera uko ayo amatora yimirije ariko arategurwa aho ashikiriza ko ivyo yagirizwa atarivyo kandi bifise intumbero ya poritike.

Alexei Navalny afise imyaka 41 yamenyekanye nk’umunyeporitike ashobora guhangana n’umukuru w’igihugu Vladmir Putin mu matora, yaciriwe gufungwa imyaka 5 mu ntango z’umwaka wa 2017 yagirijwe ubusuma hamwe no gukoresha amafaranga biciye inyuma y’amategeko.

JPEG - 335.6 ko
Umukuru w’abatavuga rumwe na Reta y’igihugu c’Uburusiya Alexei Navalny

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.