Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abanyagihugu kwegeranya imiti itagikora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 Ruheshi 2017 saa 08:42
Yasomwe : 3051
0 0

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA busaba abanyagihugu kwegeranya imiti yarengeje ikiringo co gukora bakayishikiriza amavuriro canke ibitaro bibegereye kugira iturirwe.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ryateweko umukono n’umushikiranganji Muganga Josiane NIJIMBERE,ubushikiranganji busaba kandi abanyagihugu kwegeranya imiti itagikora kugira bayishikirize ibisata vy’amagara y’abantu bibegereye kugira iturirwe.

Iri tangazo risohotse inyuma y’iminsi mikeya umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ari kumwe n’abajejwe umutekano hamwe n’abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bafashe imiti yataye igihe muri zone ya Kinama,iri mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yamenyesheje ko imiti yafashwe yari iyarengeje ikiringo co gukora ,ariko umwaka werekana ikiringo cawo co gukora kizohererako uri kuco utekewemwo wahinduwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha