IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ubushikiranganji bw’uburimyi bwiyemeje kworohereza abarimyi b’ikawa

Ubushikiranganji bw’uburimyi bwiyemeje kworohereza abarimyi b’ikawa

vendredi 5 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwarafashe ingingo zijanye n’ukworohereza hamwe n’ugutera intege abarimyi b’ikawa, kugira bakore neza, nk’uko bivugwa na Déo Guide Rurema arongoye ubwo bushikiranganji.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umushikiranganji RUREMA yamenyesheje ko igiciro c’ikiro y’ikawa kitazoja munsi y’amafaranga amajana atanu, abarimyi bakazohabwa mu mice ibiri amafaranga y’ikawa bazoba bagurishije. Aya mbere bazoyahabwa imbere y’uko ukwezi kwa gatandatu guhera, aya kabiri nayo bayagabwe imbere y’uko ukwezi kw’indwi guhera.

Ubwo bushikiranganji buvuga kandi bugiye kubandanya kurungika abafundi b’indimo mu gihugu hagati, kugira bakurikirane ibikorwa vy’abarimyi.

Déo Guide Rurema yasavye abajejwe intwaro ko bofasha mu kurwanya abashora ikawa mu kinyegero hanze y’igihugu, yibutsa ko Reta y’Uburundi itazokwihanganira ababikora, kuko ikawa ari kimwe mu biterwa vyinjiriza Uburundi amafaranga y’agaciro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.